INTERNATIONAL NEWS

Koreya Ya Ruguru Iragabisha Amerika Ko ‘Igiye Kwibonerako bikaze’ Ku Bihano Vyaraye Vyemejwe kuri Koreya Ya Ruguru.

on

Ejo ku musi wa mbere itariki 11 Nyakanga 2017, Inama y’Umutewkano ya ONU yaraye yemeje ata numwe avuyemwo ibihano bishasha kandi bikaze ku gihugu ca Koreya ya Ruguru kubera igeragezwa rya gatandatu rya Bombe D’Hydrogene. Ivyo bihano birimwo guhagarika urudandazwa ku vyinjira n’ibisohoka muri Koreya ya Ruguru harimwo ibitoro, kugabanya abakozi ba Koreya ya Ruguru bakorera mu makungu, hamwe no kugabanya gose ibidandazwa vy’impuzu Koreya Ya Ruguru yahora ishora hanze.

Kubera ivyo bihano vyari bifashwe mu mugongo na Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Koreya ya Ruguru yamenyesheje ko Leta Zunze Ubumwe za Amerika “zigiye guhura n’icago kibabaza cane kururusha ico ico gihugu cari kimaze guhura muri kahise kaco kose”; ivyo navyo bikaba bisobanura ko Koreya yiyemeje gusubiriza mu nkoko Leta Zunze Ubuwme za Amerika kubwivyo bihano.

Ivyo bikaba vyatangajwe kuri uyu musi wa kabiri itariki 12 Nyakanga 2017 na Koreya ya Ruguru,igirako yiyamiriza ivyo bihano biza bifatira amaboko mu mugongo igihugu ca Koreya ya Ruguru gisanzwe cari gihanzwe n’ibindi bihano bidasanzwe kubera ibirwanisho ruhonyanganda.

Intumwa ya Koreya ya Ruguru muri ONU Han Tae Song yagirije igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika ko “catwawe cane no kugomba kurwana….maze kikaba cipfuza cane gutembagaza ubutegetsi bwa Koreya ya Ruguru kubera ibigwanisho ubu ico gihugu kigezeko” . Igihugu ca Koreya ya Ruguru kimenyesha ko ‘kigiye gukoresha uburyo bwo ku rwego rwo hejuru mu gusubiriza mu nkoko Leta Zunze Ubumwe Za Amerika’.

Ibihugu vy’Ubushinwa n’Uburusiya birasabwa gushira mu ngiro ivyo bihano mu buryo bwuzuye hamwe nivyari bisanzwe Bihari kugira igihugu ca Koreya ya Ruguru kibone ko ‘amakungu yarambiwe n’akagagazo kabo ko gukora ibigwanisho ruhonyanganda’, nkuko umutegetsi wa Amerika ajejwe ivyo gukura ibigwanisho mu banyagihugu yabimenyesheje I Geneve. Ibihugu vy’Ubushinwa n’Uburusiya bikaba bitabaye intambamyi ngo vyiyamirize ivyo bihano nkuko vyari vyitezwe.

Recommended for you