INTERNATIONAL NEWS

Kofi Annan,Uwahora ari Umunyamabanga wa ONU, yapfuye afise imyaka 80.

on

Kofi Annan,Uwahora ari Umunyamabanga wa ONU, uwari kandi yaratahukanye agashimwe k’uko yakoreye neza abantu bise Nobel Peace Prize for humanitarian work yapfuye uyu musi wa gatandatu itariki 18 Myandagaro 2018 afise imyaka 80, nk’uko amakuru ava muri ONU yabishize ahabona.

Kofi Annan akaba yapfiriye mu gihugu c’Ubuswisse aho yari yafashwe n’ingwara idakomeye cane.

Kofi Annan akaba yari yabaye umwirabure wa mbere yamuka muri Afrika mu gufata umwanya ukomeye cane wo ku rwego rwo hejuru nko kuba umunyamabanga w’Ishirahamqe Mpuzamakungu ONU, akaba yakoze ibiringo bibiri kuva mu mwaka wa 1997 gushika mu mwaka wa 2006 ari umunyamabanga mukuru wa ONU.

Amaze kuva muri ayo mabanga, Kofi Annan akaba yaciye akora ari intumwa idasanzwe ya ONU muri Syria akora cane kugira haboneke umuti ruhasha ku kibazo c’intambara yo muri Syria yatanguye mu mwaka wa 2011.

Kofi Annan kandi akaba yari azwi nk’umuntu yanebagura cane abakuru b’ibihugu vya Afrika bigumiza ku butegetsi. Twokwibuka ko yari yamenyesheje ko ikiringo ca Petero Nkuruziza mu mwaka wa 2015 ‘kitari gikenewe’, akerekana ku mugaragaro ko atari agishigikiye.Mbere Kofi Annan akaba yari yasavye Petero Nkurunziza “gutanga imihoho.”

Recommended for you