Thursday, June 8, 2023
HomePoliticsKo umushikiranganji wa mbere Alain-Guillaume Bunyoni yoba akitswe n-amagara vyoba arivyo?

Ko umushikiranganji wa mbere Alain-Guillaume Bunyoni yoba akitswe n-amagara vyoba arivyo?

Mu gihe hamaze imisi havurwa urukurukuru rujanye  nuko amagara y-umushikiranganji wa mbere yoba atifashe neza, Umukuru w-igihugu c-uburundi Perezida Varisito Ndayishimiye aheruka gutera umukono kw-itegeko riha uruhusha umushikiranganji w-intwaro yo hagati mu gihugu  rwo kurongora inama nshikiranganji  hamwe no gukurikiranira hafi ibikorwa vya Leta  mu gihe umushikiranganji wambere yoba afatiriwe.Abatera Grenade bakora iterabwoba Alain Guillaume Bunyoni. | «Ihanga Ryera ry-Imana

Abarabira  hagufi politike y-uburundi babona ko iryo tegeko rije gushira  ahabona umuco ku bibazo n-amakenga abarundi batari bake bari bamaze imisi bibaza ku bijanye naho umushikiranganji Alain-Guillaume Bunyoni yoba ari inyuma yo kutaboneka ku bikorwa guhera  kuwa 19 Mukakaro 2021. Bikaba bigiye gusigura ko  mukurindira ko Alain-Guillaume Bunyoni asubira kuboneka , umushikiranganji w-intwaro yo hagati mu gihugu Gervais Ndirakobuca ariwe agiye guca aba ararongora ibikorwa vya Leta  harimwo no gutegura ibikorwa vy-inama nshikiranganji .

Tubamenyeshe ko Umushikiranganji wa mbere Alain-Guillaume Bunyoni aheruka kuboneka  kuwa 19 Mukakaro 2021 mugihe yariko arongora inama itegura inama nshikiranganji. Kuva ico gihe ntamakuru ajanye n-ubuzima bwiwe arigera atangazwa canke ngo hamenyeshwe  ivyo yoba arimwo. Ivyo bikaba bishitse mu gihe hari amakuru aguma avurwa na bamwe mu bagumyabanga b-umugambwe CNDD-FDD yemeza ko Perezida Ndayishimiye ariko agomba ukuntu yiyambura akarwi kamwe k-ibihangange mw-uwo mugambwe kica kakongera kagakiza arivyo bigiye gutuma hashobora kuba ihindurwa rya Leta irongowe na Alain-Guillaume, bisigura ko nawene bizoca bijana nayo hama hashingwe iyindi Leta irongowe n-uyundi muntu azoba ari somambike na Perezida Varisito Ndayishimiye.

 

 

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...