Umuririmvyi Kizito yaraye ahagaritswe n’abajejwe umutekano bo mu gihugu c’Urwanda n’abandi bagabo babiri n’umugore, bagirizwa guhungabanya umutekano no gukorana n’imirwi y’iterabwoba nk’umuhari wa FDLR hamwe n’umugambwe RNC utavuga rumwe na Reta, bemeye icaha bagirizwa.
Mu kiganiro catanzwe imbere y’abamenyeshamakuru, abajejwe umutekano n’abo bagabo bari bafashwe ejo, umuririmvyi Kizito Mihigo, Cassien Ntamuhanga na Jean Paul Dukuzumuremyi bemeyeko bakora n’imirwi iri hanze y’igihugu ishaka kurwanya ubutegetsi bw’i Kigali ariyo FDLR na Rwanda National Congress(RNC).
Inyamiramabi irongoye igisata c’itohoza, yamenyesheje ko abo bagabo bemeye ko bashaka guhora uwitwa Patrick Karegeya aherutse kugandagurirwa mu gihugu ca Afrika y’Epfo. Mu kumuhora bashaka kwica umwe mu bategetsi wo muri Reta.
Ku caha inyamiramabi yagirije umuririmvyi Kizito Mihigo ntiyagihakanye, muri ico kiganiro nyene yiyemereye ko akorana n’umuhari wa FDLR na RNC, ko yanabikorana n’umuririmvyi akaba n’umumenyeshamakuru Niyomugabo Gerard yabuze irengero. Kizito yarajejwe kwigisha no kurondera abinjira muri FDLR na RNC.
Jean Paul Dukuzumuremyi nawe yagirizwa ibitero vy’itera bwoba vya FDLR na RNC n’amafaranga ya mbere yari yaramaze kuyakira. Uwo yabandanije avugako yakora n’abo mu murwi FDLR bari mu gihugu ca Uganda, wewe yarafise akazi ko gutera ama “Grenade” mu gisagara ca Kigali mu kwezi kwa gatatu ariko bikamwanka mu nda.
Eka harafashwe n’uwundi yitwa Nibizi Agnes na we yarajejwe kwakira amahera yo guhemba abazoba bakoze ubwo bubisha bemeye.