Umuririmvyi abenshi bazi kwizina rya ” Kizito Mihigo ” kugeza ubu yasabiwe ko yofungwa ubuzima bwiwe bwose hamwe no kwamburwa uburenganzira bwose mu gihugu cu Rwanda, impanvu ya vyose ngo nuko ivyaha akurikiranyweho ari ivyo guhungabanya umutekano wu Rwanda .
Nkuko ano makuru yemezwa n’ikinyamakuru kimwe gikorera mu Rwanda, bo bavuga yuko Kizito mihigo hamwe n’umunyamakuru Cassien Ntamuhanga ko basabiwe gufungwa ubuzima bwabo bwose, Dukuzumuremyi Jean Paul nawe asabirwa ko yofungwa imyaka 50, Niyibizi Agnes we akaba yasabiwe ko yofungwa imyaka 25, abo bose bakaba bakurikiranyweho ngw’ivyaba bitandukanye harimwo nivyo guhungabanya umutekano.
UBM News tubibutse ko urubanza rwa Kizito Mihigo yuko rwigijwe imbere, ubwo kugeza ubu hakaba harindiriwe ikizokorwa n’abacamanza kuvyerekeye bino bihano basabiwe.