NEWS

Kirundo : Uwagirizwa urupfu rw’uwo bakorana yafashwe

on

Igiporisi gikorera mu ntara ya Kirundo cafashe umugabo azwi kw’izina rya Gad Minani, asanzwe ari umukozi w’itonorero ry’ikawa (SOGESTAL) ryo muri iyo ntara ya Kirundo. Uwo mugabo akaba apfungiwe mu gasho k’igiporisi mu Kirundo.

Amakuru ava muri iyo ntara avuga ko uwo yafashwe, Gad MINANI, yafashwe mu matohoza ariko arakorwa ku rupfu rw’umugabo bahora bakorana muri SOGESTAL Kirundo, yishwe arashwe mu ndwi iheze.

Uwo yishwe, Jean Berchmans Nzirubanje yarashwe n’abantu bataramenyekana, ku musozi Nywangwa, komine n’intara ya Kirundo.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply