NEWS

Kirundo : Umwe umwe yitavye Imana mu gitero

on

Umuntu umwe niwe yitavye Imana mu gitero cakozwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 13 Myandagaro 2018 nk’igihe c’isaha zine z’ijoro, ku musozi Munzenze, zone Kirundo, komine Kirundo, intara ya Kirundo nyene.

Muri ico gitero, Gerenade zibiri nizo zatewe ku rugo rw’uwitwa NDAGIJIMANA batazira Ndigi w’imyaka 55, uwo akaba yaciye yitaba Imana inyuma y’ugushikanwa kw’ivuriro ry’i Kigozi, aho yariko aravurirwa.

Mu giporisi bamenyesha ko uwikekwa ko ariwe yateye iyo Gerenade yafashwe, uwo nawe akaba ari uwitwa BASHIRAHISHIZE Leopold w’imyaka 29. Mu giporisi bemeza kandi ko ico gitero cahitanye NDAGIJIMANA coba gifitaniye isano n’uburozi, kuko nk’uko bishikirizwa n’igiporisi, urwo rugo nyene rwari rwatewe muri ubwo buryo nyene, mu mwaka uheze.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply