NEWS

Kirundo : Umutama w’imyaka 51 yishwe arashwe

By

on

Umutama w’imyaka 51 azwi kw’izina rya NZIRUBANJE Jean Berchimas yishwe arashwe n’abantu bitwaje inkoho bamusanze mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatanu mu bunywero buzwi kw’izina rya KAYIZERA buri ku musozi Mwenya, komine Kirundo, intara ya Kirundo.

Abo bitwaje inkoho bariko biyunguruza bakoresheje ipikipiki bashitse muri ubwo bunywero nk’igihe c’isaha imwe z’ijoro n’iminota 40, mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatanu, barasa amasasu menshi yahitanye uwo mutama yaciye yitaba Imana muri uwo mwanya nyene.

Ikiziga ciwe caciye gitwarwa mu buruhukiro bw’ibitaro bikuru vy’intara ya Kirundo.

Nk’uko bivugwa n’igiporisi c’Uburundi, abo basuma mu guhunga bagiye bivye amafaranga ataramenyekana igitigiri. Petero NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi yemeza ko amatohoza yatanguye.

Recommended for you