NEWS

Kirundo : Umukuru w’umugambwe FRODEBU NYAKURI ishami ryegukira CNARED yafashwe

on

Faustin Kubwayo, umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU NYAKURI mu ntara ya Kirundo yafashwe n’abaporisi barongowe n’umukuru w’igiporisi muri iyo ntara, mu gatondo ko kuri uwu wa kane.

Uwo yafashwe arongoye SAHWANYA FRODEBU NYAKURI, ishami ryegukira umushingamateka Jean MINANI umukuru w’urunani CNARED ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA.

Jean MINANI akaba aheruka gukurwa mu burongozi bw’uwo mugambwe SAHWANYA FRODEBU NYAKURI, asubirizwa na Keffa NIBIZI.
Faustin KUBWAYO aramutswa uwo mugambwe mu Kirundo yahagaritswe ku mutahe w’umushikirizamanza w’intara ya Kirundo, akaba yamwagirije guhungabanya umutekano w’igihugu.

buv

Mu muryango wiwe bakamenyesha ko uwo Faustin KUBWAYO ahorwa ivyiyumviro vyiwe vya poritike, kuko yoba afashwe kubera ariwe arongoye umugambwe SAHWANYA FRODEBU NYAKURI, ishami riyoboka Jean MINANI, umukuru w’urunani CNARED.

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published.