Thursday, June 8, 2023
HomeTrendingKirundo: Abategetsi basubiriye kwikeka urwanda ko rubandanya gufasha imirwi yitwaza ibirwanisho.

Kirundo: Abategetsi basubiriye kwikeka urwanda ko rubandanya gufasha imirwi yitwaza ibirwanisho.

Abategetsi b’intara ya Kirundo bamenyesha ko bariko bikeka igihugu c’urwanda coba kiriko kibandanya gufata mu mugongo imirwi yitwaza ibirwanisho kugira izoze gutera uburundi. Ni inyuma yaho muri iy’indwi twaraye dusozereye hamwe no muyaheze hari imisore itandatu yafashwe mu ntara ya Kirundo . Bakaba bakekwa ko bashaka kugenda kwiyandikisha mu mirwi y’abitwaza ibirwanisho mu gihugu kibanyi c’urwanda, nkuko tubisanga mu cegeranyo c’umutekano cavuye mu biro vya buramatari w’iyo ntara.

Abo bavugwa bafashwe n’abagize amakomite y’umutekano ayo nayo akaba agizwe n’urwaruka rw’imbonerakure hamwe n’igipolisi. Batanu muri bo bakaba baturuka muri komine ya Bugabira , mu ntara ya Kirundo, uwa gatandatu nawe akaba avuka mu gisagara ca Bujumbura muri zone ya Nyakabiga. Ico cegeranyo c’umutekano cavuye mu biro vya buramatari w’intara ya Kirundo tukesha ikinyamakuru Sos Médias Burundi kivuga uku :«Hagiye haribonekeza abantu batera amakenga muri iyo segiteri na cane cane mu makomine ahana urubibe n’igihugu c’urwanda, imisore ishaka kwinjira mu Rwanda mu kinyegero . Rero, biragaragara ko hariho iyinjizwa ry’imisore mu mirwi yitwaza ibirwanisho mu Rwanda» Nkuko bimenyeshwa n’abajejwe intwaro, igipolisi, ubutungane hamwe n’iperereza mu ntara ya Kirundo, nuko uwujejwe igikorwa co kwinjiza iyo misore mu mirwi irwana, yari yagiye mu Rwanda mu ntango za Ruheshi 2018 hanyuma agaruka muri komine ya Bugabira mu ntango za Rusama 2021.

Bane mw’abo bafashwe bagize uwo murwi bapfungiwe mw’iperereza rikaba ryizera ko rizomenya niyo bamara kubasambisha abagenda barakuranwa kubagemurira hamwe n’aho uburyo bw’amafaranga bukoreshwa n’iyo misore buva».
Nkuko tubandanya tubikesha ikinyamakuru Sos Médias Burundi, Mu kwezi kwa Mukakaro kwaraye guheze , Abandi bantu batandatu bari bafashwe baketsweko nabo nyene ko boba bashaka kugenda mu mirwi yitwaza ibirwanisho mu gihugu kibanyi c’urwanda. Umukuru w’uwo murwi akaba ari umukuru w’umugambwe CNL muri komine Busoni. Ukwo ari batandatu bose bakaba baciriwe mu rubanza rw’ikibiriraho igihano co gupfungwa imyaka 15 . Ariko amakuru ava mu begereye iyo dosiye babona ko «iryo ari irementanya mu buryo bwose kugira bikunde ko bata muri yompi abatavuga rumwe n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD».

Tubamenyeshe ko ukwo kwagirizanya kuri hagati y’urwanda n’uburundi ko bashigikiye imirwi yitwaza ibirwanisho kwari kwaheze kuva aho Perezida w’uburundi Varisito Ndayishimiye aziriye ku butegetsi muri Ruheshi 2020.

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...