NEWS

Kirundo: Abarovyi bane b’Abarundi banyururijwe mu Rwanda.

on

Ubushikiranganji bw’umutekano bw’Uburundi bumenyesha ko hari abarovyi bane b’Abarundi banyurujwe n’abasoda bakorera mu mazi(marines) b’igihugu c’Urwanda) mu ntara ya Kirundo.

Abo barovyi bavugwa ko ari Abarundi bariko baroba mu kiyaga Rweru ku ruhande rw’Uburundi co mu ntara ya kirundo mu buraruko bw’Uburundi.

Abo barovyi bakaba ari Abdul Rashid Uwizeyimana, Toyi Assumani, Ntirenganya na Ruganira bakaba banyururijwe mu gihugu c’Urwanda mwijoro ryo ku wa 8 Kigarama 2018, mu gihe c’isaha zitanu z’ijoro, nk’uko ubushikiranganji bubimenyesha kuri Twitter.

https://twitter.com/BurundiSecurity/status/1072032584631230464

Ubushikiranganji bw’umutekano bukamenyesha kandi ko abasirakare b’Urwanda bari kumwe n’urwaruka rw’abanyarwanda bivye ibikoresho vyo kuroba vy’Abarundi mu kiyaga Rweru ku ruhande rw’Uburundi.

Uburundi n’Urwanda bifitaniye imigenderanire mibi cane kuva mu mwaka wa 2015 aho ivyo bihugu vyagirizanya gushaka no gutegura guhungabanya umutekano wavyo uko ari bibiri hagati yavyo.

Recommended for you