Tue. Jan 28th, 2020

Kirundo : Abantu bane bahitanwe na Gerenade

Umuntu umwe aba ku musozi Kavomo, komine n’intara ya Kirundo ari mu minwe y’igiporisi kuva kuri uwu wa kane, mu matohoza ariko arakorwako yagirizwa ko ariwe yateye Gerenade yahitante abantu bane kuri uwo musozi Kavomo.

Iyo Gerenade yatewe mw’ijoro ryo ku munsi wa gatatu, nk’igihe c’isaha zibiri z’ijoro, ihitana umugore n’abana biwe babiri bari kumwe. Umwana agira gatatu w’uwo mugore yapfiriye kwa muganga, nk’uko vyemezwa na Jean Claude MIBURO, Musitanteri wa komine Kirundo.

Uwo Musitanteri yikeka ko uwo muryango watewe woba wagirizwa uburozi, akavuga ariko ko amatohoza abandanya.