NEWS

Kirundo : Abantu bagirizwa ubwicanyi bafashwe

By

on

Abantu bane nibo bafashwe n’igiporisi c’Uburundi ku murango wo kuri uwu w’Imana, ku musozi Mwenya, komine Kirundo, intara ya Kirundo. Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, Petero NKURIKIYE amenyesha ko abo bafashwe bakekwa ko aribo bakoze igitero cahitanye umutama w’imyaka 51, uwundi muntu umwe arakomereka muri ico gitero c’abitwaje inkoho cakozwe mu bunywero bw’umuntu azwi kw’izina rya KAYIZERA.

Petero NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi ashikiriza ko abo bafashwe bose bapfungiwe mu gasho k’igiporisi gikorera mu ntara ya Kirundo, ku mvo z’amatohoza.

Tubibutse ko umutama w’imyaka 51 azwi kw’izina rya NZIRUBANJE Jean Berchimas ariwe yishwe arashwe n’abantu bitwaje inkoho bamusanze mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatanu mu bunywero bw’uwuzwi kw’izina rya KAYIZERA buri ku musozi Mwenya, komine Kirundo, intara ya Kirundo.

Abo bitwaje inkoho bariko biyunguruza bakoresheje ipikipiki bashitse muri ubwo bunywero nk’igihe c’isaha imwe z’ijoro n’iminota 40, mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatanu, barasa amasasu menshi yahitanye uwo mutama yaciye yitaba Imana muri uwo mwanya nyene.

Nk’uko bivugwa n’igiporisi c’Uburundi, abo bitwaje inkoho, mu guhunga bagiye bivye amafaranga ataramenyekana igitigiri.

Recommended for you