NEWS

Kinindo : Umugabo atamenyekanye yatowe ikiziga

By

on

Ikiziga c’umuntu atamenyekanye catowe mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri muri zone Kinindo, kw’ibarabara bita « Mugina ». Ico kiziga c’umugabo cari gifise ibimenyetso ko yishwe arashwe.

Ico kiziga catowe inyuma y’amasasu yumvikanye mw’ijoro ryo ku munsi wa mbere ushira uwa kabiri, muri iyo zone ya Kinindo, mu gisagara ca Bujumbura.

Mu giporisi bavuga ko amatohoza yakozwe atarerekana imyidondoro y’uwo muntu.

Recommended for you