NEWS

Kidumu yankiwe gukora igiteramo itariki 27 z’ukwicenda i Kigali

By

on

Nkuko bimenyeshwa n’ikinyamakuru c’abongereza BBC, umuririmvyi Kidum yarakuwe k’urutonde rw’abaririmvyi bazoteramisha abanyarwanda itariki 27 z’ukwezi kw’icenda. Ico giteramo citiriwe Kigali Jazz Junction akaba yategerezwa kukiremesha n’abandi baririmvyi nka Jonny Drille wo mu gihugu ca Nigeria. Ariko kubintu atari yiteze yamenyeshejwe ko atemerewe kuririmba mur’ico giteramo.

Kidumu akavuga ko atumva impavu bamubujije guteramisha abanyakigali akavuga ko yabwiwe ko ari ingingo yafashwe n’ubuyobozi bwa Kigali. Kidum akaba yararirimvye indirimbo ‘’ Yaramenje’’ yanezereje abarundi n’abanyarwanda mu gihe bari mumagume, mbere na Président Kagame akaba yarahaye agashimye umuririmvyi Kidum kuriyo ndirimbo.

Kidum abajijwe ko hoba hari impamvu za politique ziri inyuma yiyo ngingo, Kidum yishuye ko hari abavuga ko vyoba vyatewe n’umubano mubi uri hagati y’Urwanda n’Uburundi. Kuvy’umutekano nawo Kidum akavuga ko atamutekano w’Urwanda ashobora guhungabanya kandi ko atanubushobozi abifitye kandi ko ataba m’Uburundi.

Recommended for you