Umuririmvyi agezweho ndetse amaze kubaka izina mumuziki wu Burundi ” Kidum ” mu minsi ir’imbere agiye gusubira kuboneka hano muri America aho azoba aje gukoresha ibiteramo.
Nkuko vyemezwa nuno muririmvyi Kidum, we avuga ko kwitariki 31 kigarama muruno mwaka turimwo ( Dec 31, 2014 ) yuko azoba ari muri Washington DC gukorerayo igiteramo ndetse avuga ko atagihundutse yuko muntango zuku kwambere nyene yuko azoba ari muri Portland
UBM News tubibutse ko Kidum ari umwe mubaririmvyi b’abarundi biboneka ko ariwe aserukira abandi baririmvyi b’abarundi mumakungu bivanye nuko ariwe wenyene aba muri Africa akunze gukorera ibiteramo vyinshi hanze yigihugu.