Sunday, March 26, 2023
HomeInternational newsKenya:Odinga amenyesha ko yiyemeje kuburabuza Leta ya Ruto kubera amajwi avuga ko...

Kenya:Odinga amenyesha ko yiyemeje kuburabuza Leta ya Ruto kubera amajwi avuga ko yibwe mu matora aheze.

Umunyepolitike atavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Kenya , Raila Odinga amenyesha ko yiyemeje kuburabuza ubutegetsi bwa Perezida William Ruto mu ntumbero yo kugaragaza agashavu kafatiye kw’iyibwa ry’amajwi yo mu matora y’umukuru w’igihugu aheruka kuba mu mwaka uheze. Kuri uyu w’Imana, uwo munyepolitike akaba yahamagariye abanywanyi biwe mu myiyerekano mu gisagara ca Nairobi.

Raila Odinga yatangaje ko iyo myiyerekano igamije kurwanya ubutegetsi bwa Perezida Ruto. Bikaba vyitezwe ko Uwo munyepolitike atavuga rumwe n’ubutegetsi ahamagarira kandi ibikorwa vyo kuburabuza amaserevisi atangwa na Leta hamwe rero no kutagura ibidandazwa biva mu mahinguriro y’abacuditse na Perezida William Ruto.

Perezida wa Kenya , William Ruto yagabishije ko atazosamazwa n’abatavuga rumwe nawe abo yafashe ko bari ku rushi avuga ko batumbereye kugumura igihugu. Ku musi wa mbere, Raila Odinga yatangaje ko yiteguriye gupfa ariko arwanira ico yise kwibwa amajwi mu matora y’umukuru w’igihugu yabaye kuwa 9 Myandagaro 2022. Uwo munyepolitike akaba avuga ko ata bwoba afise kucokorwa na Leta.

Must Read