Sunday, January 29, 2023
HomeInternational newsKenya:Abashingamateka ntibashima irungikwa ry’abasirikare ba Kenya mu buseruko bwa Congo.

Kenya:Abashingamateka ntibashima irungikwa ry’abasirikare ba Kenya mu buseruko bwa Congo.

Abashingamateka bo mu gihugu ca Kenya baranegura cane ingingo ya Perezida William Ruto yo kurungika Abasirikare bangana 904 mu buseruko bwa Congo kugira bagarukane amahoro mw’ico gice cibasiwe n’intambara zihuza igisirikare ca L eta ya Congo n’umuhari M23. Abo bashingamateka bakabona ko ico gikorwa co kurungika izo ngabo muri Congo kigiye kuzotwara uburyo bwinshi bw’umurengera bungana na miriyaridi zirenga 7 z’amashiringi y’amakenya, bakemeza ko irungikwa ry’izo nteko bitari nkenerwa kuko igihugu kiriko gitubika uwavubi muguhangana n’ibibazo vy’ubutunzi kirimwo iki gihe. Abandi bashingamateka bakavuga ko batabona ikimazi co kuja gutabara igihugu badasanzwe bahana urubibe.

Mu nama y’umurwi w’abashingamateka ujejwe ibibazo vya gisirikare hamwe n’ibibazo vy’imigenderanire yabaye kuri uyu wa mbere irongowe na Nelson Koech kugira hemezwe ingingo ya Leta ya Kenya yo kurungika inteko mu buseruko bw’igihugu ca Congo, Abashingamateka ntibashimishwa n’irungikwa ry’ingabo za Kenya zingana 904 zije kugarukana amahoro mu buseruko bwa Congo kuko kubwabo, ico gikorwa kigiye gutwara uburyo bwinshi bw’umurengera ivyo babona ko bitari bikenewe ko izo ngabo zirungikwa muri Congo. “Twarungitse ingabo za Kenya muri Congo mu kiringo c’amezi atandatu , mugabo mu gisirikare tutegura ibintu mu kiringo kiba categekanijwe none raba ubu twategekanije uburyo bugenewe ikiringo c’umwaka , ibizoca bidutwara uburyo bw’amafaranga angana imiriyaridi 7,2 z’amashiringi”Vyavuzwe na Lt Gen.Francis Ogola asanzwe ari icegera c’umukuru w’ingabo za Kenya.
Umushingamateka Abdullah Bashir wewe avuga atabona ikimazi na kimwe kiri ku kuntu ingabo za Kenya zorungikwa gutabara mu gihugu kitahana urubibe na Kenya kandi kitabangamiye umutekano w’igihugu.

Umushingamateka Martha Wangari aribaza ingene abatangakori bagiye gushobora gutanga uburyo bwo kugarukana amahoro mu bindi bihugu mu gihe intwaro ya perezida Ruto iriko itubika uwavubi mu kugabanya amahera azokoreshwa ku mwaka agashika ku miriyaridi 300 z’amashiringi y’amakenya.

Tubamenyeshe ko ku wa gatatu w’indwi iheze ariho Perezida w’igihugu ca Kenya, William Ruto yemera ku mugaragaro irungikwa ry’ingabo za Kenya kugira zerekeze mu buseruko bwa Congo ahamaze imisi hariko haba itana mu mitwe hagati y’ingabo za Leta hamwe n’umuhari M23. Izo ngabo zikaba zagiyeyo mu mugambi w’ingabo z’akarere ka Afrika y’ubuseruko wemejwe muri Ruheshi kugira zije kugarukana amahoro mu buseruko bwa Congo.

Must Read

Urwanda rumenyesha ko umwansi umwe rudende rufise mu karere ari Congo...

0
Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu w’urwanda yemeje ko muri aka karere ,igihugu c’urwanda gifise umwansi umwe rudende ari we Republika iharanira Intwaro rusangi ya Congo....