INTERNATIONAL NEWS

Kenya: Umwe Muri 8 bagize Umugwi Ujejwe Amatora Yatanze Imihoho.

on

Mu gihe mu gihugu ca Kenya hariko hatutumba imishamirano n’impfu zishobora kuva ku matora yo kuwa 26 Gitugutu 2017, umutegetsi umwe mu bantu 8 bagize umugwi ujejwe amatora muri ico gihugu akaba yahisemwo guheba ako kazi kiwe kubera ko abona ivyo uwo mugwi ukora bitizewe na gato. Ivyo bibaye muri Kenya vyarabaye mu Burundi mu 2015 aho umwe mu bari bagize Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro yataye akazi kiwe kubera ukuremerwa gukaze.

Iyo ngingo uyo mutegetsi ayifashe mu gihe hasigaye iyinga rimwe gusa ngo amatora abe mu gihugu ca Kenya ku wa 26 gitugutu 2017. Impamvu nyamukuru yatumye afata iyo ngingo amenyesha ko ‘umugwi ujejwe amatora wugarijwe nk’ikirindiro kandi ko ata matora yo mu muco ashobora kuvamwo’.

Uwahora aserukira abatavuga rumwe na leta, ari we Raila Odinga, nawe aheruka kumeyesha mu ndwi iheze ko yivanye mwayo matora, nawe akavuga ko umurwi ujejwe gutegura amatora utizewe na gato. Umurwi ujejwe amatora ukaba waciye utangaza ko hemejwe abandi bantu indwi na Odinga wa 8 mu baja mwayo matora.

Roselyn Akombe( kw’ifoto), uwo umwe mu bagize umurwi ujejwe amatora mu gihugu ca Kenya, yabwiye ikinyamakuru Reuters impamvu nyinshi harimwo ko habuze ugufatana mu nda mu bagize umurwi ujejwe amatora, hamwe n’ibitagenda neza mu bijanye n’ubunyamabanga bw’uwo murwi, ko ivyo arivyo vyatumye avamwo muri uyo murwi.

Roselyn Akombe yamenyesheje ejo gutya: “ Umurwi ujejwe amatora urafise uruhara muri izi ntureka. Umurwi ujejwe amatora urugarijwe”. Abandanaya amenyesha ko amatora yimirije abuzemwo umuco. “Turakeneye ko abagize umurwi utegura amatora bogira umutima rugabo kandi bakavuga ibitagenda neza kubera ko amatora atarimwo umuco na gato”, niko Roselyn Akombe yabwiye Reuters ejo ku musi wa kabiri.

Recommended for you