Sunday, March 26, 2023
HomeInternational newsKenya= Ubucamanza bwabaye burahagarika ingingo ya Leta yo kwugara amakambi y-impunzi...

Kenya= Ubucamanza bwabaye burahagarika ingingo ya Leta yo kwugara amakambi y-impunzi ya Kakuma na Dadaab.

Inyuma yaho Leta ya Kenya itangiye ikiringo ntarengwa c-imisi 14 kw-ishirahamwe riraba impunzi HCR ko yoba yakuyeho impunzi ziri mu makambi abiri y-i Kakuma na Dadaab , ubucamanza bw-ico gihugu bwafashe ingingo yo guhagarika mu kiringo c-Imisi 30  uwo mugambi  wo kwugara izo kambi zibiri.How to File Appeal of a Court Case ruling in Kenya - Kenyayote

Iyo ngingo yo guhagarika iyugarwa y-izo kambi zibiri zirimwo impunzi zigera kubihumbi 500 yaraye itangajwe ejo kuwa 8 Ndamukiza 2021 na sentare nkuru y-igihugu ca Kenya bisabwe n-umunyepolitike Gichiru Peter aho yitwariye Leta ya Kenya ko igire ihonyange amategeko mpuzamakungu  agenga impunzi  mu kuzitahukana ku nguvu zitavyisabiye.

Tubamenyeshe ko ukwo kugerageza kwa Leta kwo kwugara izo kambi z-ibiri Leta ya Kenya yisigura ko ari imvo zijanye n-ibibazo vy-umutekano ko ,m-ubwo  burere burimwo izo kambi bwoba ari nk-ibibanza bikomeye bifasha imirwi y-iterabwoba yo mu gihugu ca Somaliya Al shabab  mu kukora ibitero mu gihugu na nyabuja mw-izo kambi  zirwiriyemwo impunzi nyishi z-abanye somaliya .Akarorero Leta ya Kenya itanga nuko impunzi zo mw-ikambi ya Dadaab zagizemwo uruhara rudasanzwe mu bitero vy-abihevyi  vyagabwe mu nzu nkuru y-ubudandarizo westgate be no muri kaminuza y-I Garissa vyabaye mu myaka ya 2013 na 2015.

Tubibutse ko no mu mwaka w-2016  Leta ya Kenya yari yagerageje kwugara izo kambi z-impunzi mu nyuma bihava biburizwamwo niyo sentare nyene nkuru ya Kenya.

Kubw-amakuru ava mw-izo kambi , biravurwa ko hoba harimwo imvo nyishi zinyegeje  inyuma mw-iyo ngingo zitavugirwa ahabona, nko kwimba igitoro kiri m-ubwo burere Leta itabona ukwo yocimba mu gihe hazoba hakiba izo mpunzi, iyindi mvo yoba ihagaze ku migenderanire mibi iri hagati ya Kenya n-igihugu ca Somaliya aho mw-izo kambi huzuyemwo impunzi nyishi z-abanye somaliya biboneka ko Leta ya Kenya yoba igomba kuta ishavu kw-izo mpunzi zo mw-ico gihigu ca Smaliya.

 

 

Must Read