Thursday, June 8, 2023
HomeInternational newsKenya: Sentare y-iyungururizo y-ico gihugu yahagaritse integuro yo guhindura ibwirizwashingiro.

Kenya: Sentare y-iyungururizo y-ico gihugu yahagaritse integuro yo guhindura ibwirizwashingiro.

Inyuma yaho mu kwezi kwa gatanu kw-uy-umwaka sentare nkuru y-igihugu ca kenya ihagarikiye integuro yo guhindura ibwirizwashingiro izwi nka BBI ˮBuilding Bridges initiatives‟ bitewe n-uko iteye kubiri n-ibwirizwashingiro ko ndetse itisunze amategeko, Sentare y-iyungururizo y-ico gihugu nayone  yaraye yemeje ko iyo nteguro ya BBI ifutwa.Kenya : rejet du projet de révision constitutionnelle par la Cour d'appel -  Africa Top Success

Nkuko tubikesha iradiyo CITIZEN TV KENYA yo mu gihugu ca Kenya, iyo nteguro ya BBI yari yateguwe n-umukuru w-igihugu ca Kenya Uhuru Kenyatta arikumwe n-uwahoze ari umukeba wiwe, ariko ubu bakaba bari akadasohoka  Raila ODINGA ,yarondera ko ibwirizwa ko ibwirizwashingiro rihinduka kugira ngo nkuko bivurwa n-abayitanguje , ribe rihuza abanyekenya bose. Rikaba ryarondera gushiraho izindi nzego , harimwo urwego rw-umushikiranganji wa mbere , ivyegera vy-umukuru w-igihugu bibiri , hamwe n-intara n-imiburiburi 70.

Mw-iyo ngingo yaraye ifashwe na Sentare y-iyungururizo, nuko umurwi wigenga ujejwe gutegura no guhagarikira  amatora wasabwe guhagarika gutunganya amatora yo kwemeza canke guhakana BBI .

Raila ODINGA,umwe mu banyepolitike yashaka ko BBI yemezwa, mw-itangazo yasohoye kuri uyu wa 20 Myandagaro yamenyesheje ko yemeye iyo ngingo ya sentare y-iyungururizo ko kandi agiye kubandaniriza ahandi ibiganiro kubijanye n-iyo BBI. William Ruto ,icegera c-umukuru w-ico gihugu  anasanzwe ubu ari umukeba wa Perezida Uhuru hamwe na Raila ODINGA, abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter yakengurutse cane ku ngingo yaraye ifashwe na sentare y-iyungururizo yo mw-ico gihugu. Kubwiwe yavuze ko Imana yamanutse gufasha banyarucari mu kubungabunga ibwirizashingiro.

 

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...