INTERNATIONAL NEWS

Kenya: Raila Odinga Yatanganje Ko Yikuye Mu Matora Yimirije.

on

Umukuru w’abatavuga rumwe mu gihugu ca Kenya, Raila Odinga, yatangaje kuri uyu musi wa kabiri ko yikuye mu matora ya kabiri( Re-election) yari ategekanijwe kuba itariki 26 z’uku kwezi kwa Gitugutu, aho yahiganirwa kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu.Impamvu avuga ngo nuko abategetsdi bajejwe ivy’amatora muri ico gihugu bananiwe no gukora ibikenewe mu bijanye n’ivyohinduka mu bijanye n’amatora.

Odinga yamenyesheje ati: “ Inyuma yo kwirengagiza ibitari bike mu matora yimirije…tubona neza ko ibizovamwo vyose mu matora ategekanijwe ku wa26 Gitugutu 2017 bizokwegukira umugambwe uri ku butegetsi”.

Ivyo bibaye mu gihe Sentare Ntahinyuzwa yo muri ico gihugu yari yafashe ingingo yo gufuta ivyavuye mu matora yari yabaye muri myandaharo uyu mwaka, ayari yatsinzwe na Uhuru Kenyatta asanzwe atwara ico gihugu. Akaba yafuswe bitumwe n’utunenge twinshi twibonekeje mu guharura amajwi muri ayo matora nkuko Sentare Ntahinyuzwa yabimenyesheje.

Guhera ubu, Raila Odinga hamwe n’abo bari kumwe mu mugambwe NASA( National Super Alliance) biyemeje kutaja muri ayo matora yo muri uku kwezi mu gihe ibikenewe guhindurwa bitohindurwa n’umugwi ujejwe amatora muri ico gihugu.

Twashitse ku ciyumviro c’uko ata kugomba ku mugwi ujejwe gutegura amatora guhindura ibikenwe guhindurwa mu bijanye n’iibikorwa vyawo hamwe n’abakora muri uyo murwi…Ibimenyetso vyerekana neza ko amatora yimirije azoba mabi cane gusumba ayambere”, niko Raila Odinga yiganiye Radiyo France 24.

Recommended for you