Mw-ihuriro ridasanzwe ryabaye kuri uyu wa gatandatu mu gisagara ca Naïrobi ,mu gihugu ca Kenya, umunyapolitike RAILA ODINGA, ryaraye yemejwe ku mugaragaro kuhiganirwa intebe y-umukuru w-igihugu mu matora yimirije yo muri Myandagaro uy-umwaka turimwo n-urunani rw-imigambwe 20 ruhurikiye muco bise «Azimio la Umoja ». Mw-iryo huriro , Perezida Uhuru Kenyatta asanzwe aturuka mu mugambwe Jubilee ntiyari yatanzwe kwishikira mu kibanza cabereyemwo iyo nama ndetse nawene aca yemeza ko ashigikiye umukandida RAILA ODINGA.
Inyuma yo gucerwa gato kw-ivyo birori vyari birindiranywe n-abantu isinzi, Umukuru w-igihugu ca Kenya yabanje ahabwa ijambo imbere y-abo bita aba «délégués» bagera ku 300 baserukiye imigambwe 20 yari yitavye iryo huriro. Perezida Uhuru Kenyatta ntiyatevye gutangaza ko we n-umugambwe Jubilee aturukamwo bashigikiye kandidatire ya RAILA ODINGA, Uhuru ati ati :« Ntutigikekeranya, dufise ubu kapitene wa ekipe , uwo nawe yitwa RAILA ODINGA»
Mu gukengurukira abari bahejeje kumugena ngo azohiganirwe ikibanza c-umukuru w-igihugu muri Myandagaro 2022, RAILA ODINGA yavuze ati :« Nshaka ntangure kerekana akanyamuneza kuri mwebwe mwese mwaje ngaha maze mpumpitamwo kubabera umukandida wo mu matora yimirije . iri higanwa ntibagiranwa muri kahise k-igihugu cacu. Ntawopfuye yibajije ko umusi umwe imigambwe hamwe n-abanyepolitike bigeze kushamirana mu matora ya 2013 na 2017 bosubira kuja hamwe maze bakunga urunani »
Bamwe n-abandi b-abanye Kenya bakwirikiranira hagufi ukwo imyiyamazo y-abahiganirwa ico kibanza c-umukuru w-igihugu mu matora yo muri Myandagaro iriko igenda , babona ko umukandida William RUTO (biboneka ko ariwe aza imbere mu banywanyi bitabira mitingi yiwe) ashobora kutsinda ayo matora naho bishobora guhinduka bitewe n-uko umukeba wiwe RAILA ODINGA agiye gushigikirwa n-umukuru w-igihugu Uhuru Kenyatta ndetse bagatinya ko ayo matora ashobora kubamwo ubusuma bwo kwibira amajwi RAILA ODINGA nkuko uyu munya kenya Daniel OSUMU NDUMBI abivuga :« harya uwuhagarikiwe n-ingwe aravoma, ndabona neza ko RAILA harya intsinzi ni cash kuko Uhuru Kenyatta azokora ibishoboka vyose amatora yibwe maze William RUTO avemwo ukwo kuko RUTO na UHURU bamaze igihe barabana ay-ingwe»