Umukuru w-igihugu ca Kenya Uhuru Muigai Kenyatta yaraye ashigikiye kandidatire y-uwahora ari umukeba wiwe mu bihe biheze , Raila ODINGA mu matora y-umukuru w-igihugu yimirije kuzoba kw-igenekerezo rya 9 Mukakaro 2022. Perezida Uhuru yabitangaje kuri uyu wa gatanu igihe yariko ahura n-urwaruka rurenga ibihumbi bitatu ku kirimba iwe rwaje ruva mu ntara 47 zigize igihugu ca Kenya.
Umukuru w-igihugu ca Kenya akaba yasavye urwaruka aho ruva rukagera gusidukana n-iyonka mu gushigikira umukandida ODINGA wo m-umugambwe ODM agiye kuzomusubirira kurongora igihugu kuva mu kwezi kwa Mukakaro 2022 hamwe yohabwa amahirwe menshi n-abanye kenya.
Kuva mu mwaka w-2018, Umubano wa Perezida Kenyatta na ODINGA wahavuye uba mwiza inyuma yo kutarabana ryiza inyuma y-amatora yo mu 2017 yarangiye agarukanye ku butegetsi Perezida ahari ubu, Kenyatta.
Abakwirikiranira hagufi politike ya Kenya na cane cane mw-ibi bihe himirije amatora, babona ko naho Raila ODINGA ashigikiwe ubu n-umukuru w-igihugu Uhuru kenyatta, uwusanzwe ari icegera ciwe, Dr William RUTO ashobora guhabwa amahirwe menshi mu gutsindira ikibanza c-umukuru w-igihugu , kuko hari ubudasa bw-abariko bitabira amanama y-abo ba kandida babiri( bafatwa ko bakomeye) bariko batunganya mu ntara zose zigize igihugu.