NEWS

Kenya :Imyiyerekano isaba Reta kwugurura imboneshakure zugawe yatunganijwe

on

Imigwi igizwe n’amashirahamwe agwanira agateka ka zina muntu,abamenyeshamakuru hamwe n’abanyagihugu bamwe batunganije imyiyerekano kuruno wa mbere igenekerezo rya 5 Ruhuhuma 2017 ku murwa mukuru w’igihugu ca Kenya i Nairobi,basaba ko Reta y’ico gihugu gushira mu ngiro ingingo yafashwe n’ubutungane.

Iyo myiyerekano yatunganijwe inyuma y’ikiringo hafi c’indwi imboneshakure zitatu zikorera aho muri Kenya zugawe inyuma yo kwagirizwa ko zerekanye ikibiriraho ibirori vyo kurahira vy’uwutavugarumwe na Reta Raila Odinga.

Abatunganije iyo myiyerekano bamenyesheje ko Reta yarengeye agateka ka zina muntu,kubangamira ibimenyeshamakuru hamwe no kutubahiriza intwaro rusangi mu kudakwirikiza ibwirizwa shingiro.

Izo mboneshakure zugawe ni NTV Kenya,KTN hamwe na Citizen TV.

Bamwe mu batavugarumwe na Reta ya Uhuru Kenyatta barafashwe inyuma yaho bagirijwe ko bitavye ibirori vyo kwirahiza vya Raila Odinga nk’umukuru w’igihugu ca Kenya.

Bamwe murabo bafashwe harimwo umushingamateka TJ Kajwang,Geroge Aladwa hamwe n’umucamanza Miguna Miguna.

Sentare y’igihugu ca Kenya isigaye ibonwa nka sentare idasanzwe ku mugabane wa Afirika kuva aho ifatiye ingino yo gufuta ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu aheruka mu gihugu ca Kenya.

Naho bitaramenyekana ko Reta izohava yugurura imboneshakure zugawe,nta nkeka iyo sentare yarkoze igikorwa cayo irongera irerekan ko idakoreshwa na Reta kuko yasavye Reta ko imboneshakure zugawe zokugururwa.

Recommended for you

2 Comments

  1. betternet download free

    May 15, 2019 at 3:30 pm

    I have figured out some essential things through your website post. One other subject I would like to express is that there are many games available on the market designed especially for toddler age young children. They include things like pattern acceptance, colors, wildlife, and styles. These typically focus on familiarization rather than memorization. This makes little kids engaged without sensing like they are learning. Thanks

  2. cubase 9

    May 21, 2019 at 5:58 pm

    One other issue issue is that video games can be serious in nature with the key focus on understanding rather than enjoyment. Although, we have an entertainment element to keep your young ones engaged, each one game is normally designed to improve a specific set of skills or programs, such as instructional math or research. Thanks for your post.

Leave a Reply

Your email address will not be published.