Sunday, March 26, 2023
HomeInternational newsKenya: Hoba hagiye kugarwa amakambi abiri y’impunzi?

Kenya: Hoba hagiye kugarwa amakambi abiri y’impunzi?

Inyuma yaho Leta ya Kenya ibicishije k’umushikiranganji wayo w’intwaro yo hagati atangiye ikiringo ntabanduka c’indwi z’ibiri kw’ishirahamwe mpuzamakungu ry’impunzi HCR ko ryoba ryugaye amakambi abiri y’impunzi ya Kakuma na Daadab; afatwa muri afurika nk’amakambi maniniya cane,  Impunzi zo mw’izo kambi zibiri zihaye zibaza ikigiye gukwirikira inyuma y’iyo ngingo ya Kenya.

 

Kakuma Camp: Redefining the refugee experience in Africa - OPEC Fund for  International Development

Tubamenyeshe ko izo kambi zibiri za Kakuma na Daadab zibarizwamwo impunzi zigera ku bihumbi bigera ku majana tanu (500.000) izo nazo zigizwe n’abakongomani, abasomaliya,abarundi,abanyarwanda,abanyesudani, n’izindi nyishi zikomoka mu bindi bihugu bitandukanye; Muri izo, impunzi z’abarundi zirenga gato ibihumbi mirongo ibiri (20.000)

Ni iyihe imvo Leta ya Kenya itanga kw’iyo ngingo ?

Leta ya Kenya itanga imvo z’umutekano w’igihugu  kubona yafashe iyo ngingo ngo ni kubera ibitero vy’abihevyi biza birakorwa bitegurirwa mw’izo kambi zibiri; ni mu gihe mw’izo kambi , impunzi z’abanyesomaliya ari nyishi mw’izo kambi; bica vyumvikana cane kuri Leta ya Kenya kwemeza ko umuhari w’iterabwoba wa Al shabab wo muri somaliya  ukorana cane n’izo mpunzi; uwo muhari nawo ukaba umaze gukora ibitero bitandukanye mw’ico gihugu  ndetse ukanavyiyitirira ko ariwo wabikoze; ivyo izindi mpunzi zamirira kure iyo ngingo ya leta ya Kenya,zozo zibona ko Kenya yoba ifise izindi mvo zitaramenyekana,

Ishami ry’impunzi kw’isi HCR muri kenya ryoba rigiye kukora iki inyuma y’iyo ngingo ,canke hoba hagiye kuvamwo umuti urama  kw’ico kibazo?

Ishirahamwe mpuzamakungu ishami ryayo riri muri Kenya rimenyesha ko hashobora kwaduka ingorane nyishi hamwe Leta ya Kenya itokwisubirako kw’iyo ngingo; na cane cane ngo ko gufata ingingo nk’iyo mw’ibi bihe isi ihanzwe n’ikiza ca Covid19 vyotera ikibazo kikomeye, ikindi iryo shirahamwe rimenyesha n’uko Leta ya Kenya yokingira cane abaje umutekano n’ubuzima bwabo biriko bibangamirwa.

Ikimaze kumenyekana n’uko ibiganiro bihuza Leta ya Kenya hamwe n,ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu HCR vyamaze gutangura benshi mw’izo mpunzi bahaye bizera ko ikibazo cabo kigiye kukemurwa.

 

 

 

 

Must Read