Icegera c-umukuru w-igihugu ca Kenya, William Ruto akondera akanaba n-umukandida mu matora yo muri Myandagaro uy-umwaka yatangaje kuri uyu wambere igihe yariko agendera ihinguriro ry-amata riri mu ntara ya Nyeri ,amajambo yibasira ku banyagihugu bo muri Republika iharanira intwaro rusangi ya kongo ,abatari bake mw-abo banyekongo baza bafashe ko yabasuzuguye abakurako agashambara.
Imbere y-abanyagihugu batari bake bari ngaho i Nyeri, William Ruto yavuze uku :«Kenya irashoboye neza gukora urudandazwa rw-amata muri Congo , igihugu gifise imiriyoni 90 z-abantu ariko ntigishobore kuba gifise n-inka imwe yobaha amata boza barinywera. Abacongomani ico bashoboye nukwitambira umuziki wo mu bwoko bwa kanda bongoman hamwe rero no kwambara ipantaro bakazambarira haruguru y-umukondo,…»
Ayo majambo yaraye ashikirijwe na William Ruto yatumye abatari bake mu banye congo abadugiriza agashavu, mw-abo harimwo umukenguzamateka Francine Muyumba aho atatevye kwerekana akababaro abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter. Muyumba yavuze ati :« Mushingantahe Ruto , ibi ntitwovyemera na gato , gerageza wisubireko kw- iryo jambo watangaje. Nyimba itigeze igira inka n-imwe ni gute Kenya yasinye amasezerano yo gufashanya mu vy-ubutunzi na Congo , Ibanki Equity iriko irinjiza amafaranga menshi muri Congo , Ico ni igitutsi !»