Saturday, January 28, 2023
HomeInternational newsKenya: Abanyeshuri bahuza ibitsina babisangiye bagiye kubuzwa kwiga mu mashure y-indaro.

Kenya: Abanyeshuri bahuza ibitsina babisangiye bagiye kubuzwa kwiga mu mashure y-indaro.

Umushikiranganji w-indero mu gihugu ca Kenya George Magoha avuga ko abanyeshure bose  bahuza ibitsina babisangiye bagiye kutemererwa kwiga mu mashure y-indaro kuberako basanze bihungabanya imyitwarire y-abandi banyeshure bagenzi babo.Au Cameroun, des homosexuels sont tués en toute impunité et enchaînés en  prison - Valeurs actuelles

Magoha yavuze ko ahubwo bakwiye kuja biga mu mashure abegereye , aho abanyeshure biga bataha iwabo. Yongeyeko kandi ko abanyeshure bahuza ibitsina babisangiye basanzwe biga mw-ayo mashure y-indaro bakwiye kwimurirwa mu yandi mashure. Uwo mushikiranganji w-indero wa Kenya yasavye abayobozi b-amashure gushira imbere ibiri mu nyungu za benshi , aho gushira imbere ibiri mu nyungu z-abantu bakeya.

Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu  mw-ico gihugu atangaza ko agiye kwitura inzego z-ubutungane kugira zihangane n-izo ngingo z-umushikiranganji w-indero wa kenya, izo bavuga ko zije kubohera amaboko i mugongo uburenganzira bw-abanyeshure.

 

Must Read

Uburundi ku rutonde rw’ibihugu vya Afrika intwaro ibereye isa n’umugani (Fondation...

0
Igihugu c’uburundi cashizwe ku rutonde rw’ibihugu vya Afrika biza kw’isonga aho intwaro ibereye isigaye ari nk’umugani. Ivyo navyo ni :Sudani y’epfo, Somaliya, Eritreya, Republika...