Abantu baba 31 nibo bamaze kumenyekana ko bapfuye inyuma y-isanganya ryabaye ku musi wa gatandatu mu gihugu ca Kenya. Ni inyuma yaho imodokari yunguruza abantu benshi, yaritwaye abantu yatwarwa n-amazi igeze ku kiraro.
Nkuko tubikesha iradiyo Ijwi rya Amerika, Iyo modokari yo mu bwoko bwa «bus» yaritwaye abaririmvyi bo mw-ishengero hamwe n-abandi bari bagiye kunezeranwa n-abo mu birori vy-ubugeni mu ntara ya Kitui. Umukuru w-iyo ntara Charity Ngilu yavuzeko ibiziga 31 arivyo bimaze gutorwa n-abasirikare karuhariwe mu kwibira mu mazi kuva ku musi wa gatandatu. Bikaba bitaramenyekana neza igitigiri c-abantu bari mw-iyo modoka igihe yatwarwa n-isuri ry-uruzi Enzui , ruri ku birometero 200 mu buserukobw-umurwa mukuru wa Naïrobi.
Kuri uyu w-Imana, Umukuru w-igihugu ca Kenya Uhuru Kenyatta yararungikiye ubutumwa bwo guhoza imiryango yabuze . Yongera ahanura abanyekenya kuza biyubara igihe baba bariko batwara imodokari mu mabarabara na cane cane mu gihe c-imvura.