Sunday, March 26, 2023
HomeInternational newsKenya: Abantu baba 31 nibo bamaze kumenyekana ko bapfuye mw-isanganya ry-imodoka...

Kenya: Abantu baba 31 nibo bamaze kumenyekana ko bapfuye mw-isanganya ry-imodoka yaguye mu mazi.

Abantu baba 31 nibo bamaze kumenyekana ko bapfuye inyuma y-isanganya ryabaye ku musi wa gatandatu  mu gihugu ca Kenya. Ni inyuma yaho imodokari yunguruza abantu benshi, yaritwaye abantu yatwarwa n-amazi igeze ku kiraro.UPDATE: 19 dead as city-bound bus plunges into river – PHOTOS – Nairobi News

Nkuko tubikesha iradiyo Ijwi rya Amerika, Iyo modokari yo mu bwoko bwa «bus» yaritwaye abaririmvyi bo mw-ishengero  hamwe n-abandi bari bagiye kunezeranwa n-abo mu birori vy-ubugeni mu ntara ya Kitui.  Umukuru w-iyo ntara Charity Ngilu yavuzeko ibiziga 31 arivyo bimaze gutorwa  n-abasirikare karuhariwe mu kwibira mu mazi  kuva ku musi wa gatandatu. Bikaba bitaramenyekana neza igitigiri c-abantu bari mw-iyo modoka igihe yatwarwa n-isuri ry-uruzi Enzui , ruri ku birometero 200 mu buserukobw-umurwa mukuru wa Naïrobi.

Kuri uyu w-Imana, Umukuru w-igihugu ca Kenya Uhuru Kenyatta yararungikiye ubutumwa bwo guhoza imiryango yabuze . Yongera ahanura abanyekenya kuza biyubara igihe baba bariko batwara imodokari mu mabarabara na cane cane mu gihe c-imvura.

 

Must Read