NEWS

Keffa Nibizi arabeshuza ko ata banywanyi biwe bagiye mu mugambwe FRODEBU

By

on

Mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyesha makuru kur’uyu wa mbere, umukuru w’umugambwe FRODEBU Nyakuri Iragi rya Ndadaye yemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati, Keffa Nibizi, arabeshuza ko hari abanywanyi b’uwo mugambwe bawuvuyemwo bakaja mu mugambwe FRODEBU. Keffa nibizi akavugako ahubwo ari abanywanyi bakuwe mur’uyo mugambwe abandi nabo ari abanywanyi b’urunani CNARED.

Ivyo abivuze mu gihe kur’uyu wa gatandatu, umugambwe FRODEBU watunganya ibirori vyo kwakira abavuga ko bavuye mu mugambwe FRODEBU Nyakuri iragi rya Ndadaye binjira mu mugambwe FRODEBU. Ku bwa Keffa Nibizi abo banywanyi FRODEBU yakiriye ubu bariko barondera umugambwe bo kwinjiramwo inyuma yisambuka ry’urunani CNARED.

Keffa Nibizi avuga ko azokwitwarira mu butungane abantu baza barakoresha ibimenyetso vy’umugambwe FRODEBU Nyakuri Iragi rya Ndadaye batabifitiye uruhusha. Ngo nayo kwiyunga n’umugambwe FRODEBU, Keffa Nibizi akavuga ko hakiri vyinshi badahurizako n’uyo mugambwe kandi kw’iyo ngingo idafatwa n’umukuru w’umugambwe gusa hariho inzego z’umugambwe zibanza kuvyiga.

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published.