NEWS

Karusi : Umutama hamwe n’umwana w’uruyoya bishwe

By

on

Abantu babiri bagizwe n’umutama w’imyaka 50 hamwe n’umwana muto cane w’amezi atandatu nibo bishwe ku musozi Ntunda, komine Gitaramuka, intara ya Karusi, ku muhingamo wo kuri uwu w’Imana, nk’igihe c’isaha cumi n’imonota mirongo itatu.

Abo bantu bishwe n’umugabo azwi kw’izina rya BIMENYIMANA Eric, akaba yabagandaguye akoresheje umupanga, nk’uko umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi Petero NKURIKIYE avyemeza.

Abishwe ni NDINZEMENSHI Valérie w’imyaka 50 hamwe n’umwana IRANKUNDA Odette w’amezi atandatu.

Mu giporisi bamenyesha kandi bataramenya icatumye uwo mugabo akora iryo bara, amatohoza akaba yatanguye.

Recommended for you