NEWS

Karusi : Umugabo yishe umugore wiwe

on

Ubugizi bwa nabi bubandanya kwibonekeza mu mihingo itandukanye y’igihugu c’Uburundi, aho abubakanye bagandagurana, canke umuvyeyi akica umwana wiwe. Immaculée NANKWAHAFI, umugore w’imyaka 50 yahora aba muri komine Gitaramuka, intara ya Karusi yishwe n’umugabo wiwe.

Musitanteri wa komine Gitaramuka, Jeanette NINGABIRE aremeza ayo makuru y’iyicwa ry’uwo mupfasoni, ariko akavuga ko gushika ubu amatohoza amaze gukorwa atarerekana igituma uwo mugabo yishe umugore wiwe.

N’aho amatohoza akibandanya, abajejwe intwaro bavuga ko bikeka ko uwo mugore yoba yishwe ku mvo z’amatati boba bari bafitaniye abo bubakanye.

Uwo mugabo yakoze ubwo bwicanyi ari mu minwe y’abajejwe umutekano, akaba apfungiwe mu gasho ka komine Gitaramuka.

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published.