NEWS

Karerwa Ndenzako yasubiye kwemeza ko Président Nkurunziza atazosubira kwitoza

By

on

Ivyo yabivugiye mu kiganiro abavugizi b’inzego bagize kubamenyeshamakuru n’abanyagihugu bariko barumviriza amaradiyo atandukanye asamirana mu Burundi. Jean Claude Karerwa, umuvugizi w’Umukuru w’igihugu, akemeza yuko ijambo Président Nkurunziza yavuze ko atazosubira kwitoza mu matora yo mu 2020 ko ari ntabanduka ko hari abandi bagabo n’abapfasoni babishoboye mu mugambwe aturukamwo. Benshi bagaca bibaza rero uwuzosubira murico kibanza mugihe hasigaye amezi 8 kugira amatora yo mu 2020 abe.

Ku kibazo naho c’iradiyo Bonesha FM yugawe yitwariye ikigo CNC, umuvugizi wa CNC akaba yamenyesheje ko urubanza rwacitse iyo radio itsinzwe. Kukibazo c’abanyeshure bitaburiyeko impuzu z’ishure mu gihe bari bahejeje ikibazo giheza amashure yisumbuye, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’indero, Juma Edouard yamenyesheje ko amatohoza abandanya ko uwo bazonsanga yagirwa nayo makosa ko atazoronswa urupapuro mpamyabushobozi ariyo diplôme d’Etat.

Kubibazo vyaho icahoze ari isoko nkuru ya Bujumbura itarubakwa kuva aho ihiriye mu mwaka wa 2013 mu kwezi kwa mbere, hamwe n’ibarabara rya Bujumbura- Rumonge rigendeka nabi arinaryo abo bavugizi b’inzego baciyemwo mu kuza mur’ico kiganiro cabereye mu Rumonge, umuvugizi w’ubushikiranganji w’ibikorwa vya Leta hamwe n’umuvugizi w’icegera cakabiri c’Umukuru w’igihugu bamenyesha ko ibikorwa bigiye gutangura ariko nta tariki bamenyesheje.

Recommended for you