NEWS

Kanyosha : Umuporisi w’intwazangabo yishwe umugore wiwe

By

on

Umugore w’imyaka 36 y’amavuka yaraye agandaguwe n’umugabo wiwe yamurashe amasasu menshi akoresheje inkoho yo mu bwoko bwa Pistolet. Uwakoze iryo bara ni umuporisi w’intwazangabo azwi kw’izina rya OPP1 NDUWIMANA Prime,asanzwe aba muri karitiye ya Kajiji, muri zone ya Kanyosha.

Amakuru atangwa n’ababanyi n’uwo muryango w’intwazangabo NDUWIMANA Prime avuga ko intango ya vyose ari impari zabaye hagati y’uwo muporisi hamwe n’umugore wiwe HAGABIMANA Louise. Abo bubakanye ntibashoboye kwumvikana ku mukozi w’umukobwa umugabo yari azanye kugira abakorere mu bunywero bwabo. Umugore yavuze ko adashaka ko baha ako kazi umukobwa, umugabo nawe akavuga ko ashaka uwo mukobwa nyene. Impari zibaye nyinshi, umuporisi yatoye inkoho yari afise yo mu bwoko bwa Pistolet, arasa umugore wiwe amasasu atandatu, uwo nawe aca aritaba Imana aho nyene. N’umwana wabo w’amezi umunani yari kumwe na nyina wiwe yarakomeretse.

Ababanyi bumvise ayo masasu barihutiye guraba ikibaye basanga uwo muporisi yahunze, ikiziga c’uwo mugore baca bakijana mu bitaro Prince Regent Charles, umwana nawe ajanwa kuvurirwa ku bitaro vy’abaganga batagira imbibe (Médecins sans Frontières).

Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko iyo ntwazangabo yishe umugore wayo yamaze gufatwa, ubu ikaba ipfungiwe mu gasho k’igiporisi kijejwe amatohoza c’i Bujumbura, kugira akorerwe dosiye, imbere y’uko ashikirizwa ubutungane.

OPP1 NDUWIMANA Prime, intwazangabo mu giporisi c’Uburundi, ari nawe yishe arashe umugore wiwe.

Recommended for you