NEWS

Kanyosha : Eliya Kwizera yatowe ikiziga inyuma y’ugufatwa n’intwazangabo mu giporisi

on

Umunyagihugu azwi kw’izina rya Eliya KWIZERA yahora aba mu Gisyo, zone Kanyosha mu gisagara ca Bujumbura yatowe ikiziga aho mu Gisyo nyene, mu muserege utwara amazi. Ababanyi biwe bamenyesha ko irya nyuma bamubonye ari kuri uwu wa kabiri, akaba yari yafashwe n’umukuru w’ikirindiro c’igiporisi ku Musaga, ariko asanzwe aba mu Kanyosha.

Abanyagihugu babonye ifatwa rya Eliya KWIZERA bamenyesha ko ari intwazangabo mu giporisi yamufashe, imvo zari zitumye afatwa zikaba zitamenyekanye. Niho yaca atwarwa, ababanyi bakibaza ko agiye kumupfungira mu giporisi co ku Musaga.

Mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri akaba ariho yatorwa ikiziga, ari mu muserege wo mu Gisyo, utwara amazi. Eliya KWIZERA yarashwe amasasu abiri, rumwe mu mutwe, urundi mu muhogo. Umuvugizi w’igiporisi, OP1 Pierre NKURIKIYE avuga ko amatohoza yamaze gutangura, akamenyesha ko nivyaboneka ko uwo mukuru w’igiporisi ariwe yamugandaguye azohanwa n’amategeko.

bong

Ababanyi ba Eliya KWIZERA yaraye agandaguwe bamenyesha ko ata mugambwe yarimwo, kandi ko ata n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yarimwo.

Umutekano wahungabanye kandi muri zone ya Musaga, ahatewe gerenade mu kabare bita KU MPENE, iyo gerenade ikaba yahitanye umuntu umwe hamwe n’uwundi yakomeretse.