NEWS

Kanyosha : Batanu bo muri FNL bafashwe mu matohoza y’igitero cahitanye abantu batatu

on

Abantu batanu bo mu mugambwe FNL uyoboka umushingamateka RWASA Agathon nibo batawe muri yompi mu matohoza ku bwicanyi bwahitanye batatu mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatandatu, ku mutumba wa Kavumu, muri zone Muyira, mu Kanyosha. Abo bafashwe ni Nkurunziza Thierry, Masarabaga Diomede, Nsengiyumva Gerard, Habonimana Christian, Ngarukiyintwari Jean Yves hamwe na Bigirimana Hermenigilde batazira Kigoma, bose bo mu mugambwe FNL uyoboka RWASA Agathon.

Nk’uko bishikirizwa na Anshaire NIKOYAGIZE, umukuru w’ishirahamwe LIGUE ITEKA, abo bose bahagaritswe n’umukozi w’igendereza azwi kw’izina rya Léonidas batazira Faceboock, baca bajanwa gupfungirwa i Bujumbura.

Muri LIGUE ITEKA bavuga ko abo baheruka kugandagurwa mw’ijoro ryo ku munsi wa gatandatu, aribo Serges Mpawenimana na Vincent NSHIMIRIMANA, boba bahowe ko baheruka kwikura mu mugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi, binjira muri FNL ya RWASA Agathon. Igiporisi c’aho ku Muyira kikagirizwa ko arico coba kiri inyuma y’ubwo bwicanyi bwakorewe abo bantu.

Mw’ijoro ryo ku munsi wa gatandatu, abagabo babiri n’umwana w’umuhungu w’imyaka 10 barishwe barashwe n’abantu batamenyekanye ku mugoroba wo kuwa gatandatu igenekerezo rya 14 Nzero 2017, ubwo bwicanyi bwabereye ku mutumba wa Kavumu muri zone Muyira ya komine Kanyosha. Bishwe nk’igihe c’isaha zibiri z’ijoro zirenga iminota mikeyi, baraswa urudavagi rw’amasasu n’abantu babategereye mu mayira abiri ari ku Mutumba wa Kavumu ahitwa Jimbi.

Mu miryango itatu iturukamwo abo bishwe, bavuga ko gushika ubu batazi icatumye ababo bicwa, kuko ataco bazi bari bagirizwa kuri uwo mutumba, kandi hari haheze igihe ku mutumba wa Kavumu hari agahengwe.

Recommended for you