NEWS

Kanyosha : Abasuma bakoresha imipanga baragisibije

on

Amasase yarumvikanye mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana, muri karitiye Busoto iri muri zone Kanyosha. Ayo masase yari ay’aba polisi bo ku kirindiro c’ishure nshingiro riri hafi bariko bakurikira abasuma bita “baturupanga”, biba bakoresheje imipanga.

Abo bagizi ba nabi bahatswe kwiba umugabo yari atashe iwe. Aho bari bahejeje kwiba uwundi terefone ngendanwa yiwe.

Muri aya mezi 3, abo basuma barivye abantu 4. Umuntu umwe yaratemaguwe ku mutwe, uwundi ku kuguru, aho abo bagizi ba nabi binjira mu ngo zabo.

Ababa mu Kinindo na Kibenga basaba ko umutekano wokwongererezwa, kuko abantu benshi bamaze kwibwa no gukomeretswa. Abo banyagihugu bavuga ko batumva ingene abo basuma badahanwa, bakavuga ko bazohava bibaza ko bashigikiwe.

Ababa mu Kibenga na Kinindo bavuga ko abo basuma boroherezwa n’amatara aguma acika kuko mu mwijima atawubabona, bagasaba ishirahamwe REGIDESO ko ryobaha amatara mu masaha y’ijoro.

Recommended for you