NEWS

Kangi Lugola: ‘Impunzi z’Abarundi zitegerezwa guhunguka’.

on

Mu kiganiro co kuri televiziyo muri Tanzania, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ca Tanzania,Kangi Lugola, yamenyesheje n’iterabwoba ryinshi ko ‘impunzi z’Abarundi zitegerezwa guhunguka uko vyogenda kwose’.

Impunzi z’Abarindi muri Tanzania zikaba zihanzwe cane muri iyi misi aho ubuzima mu makambi atatu ariyo Nyarugusu, Mtendeli na Nduta busa n’ubwahagaze. Akarorero ni mu nkambi ya Nyarugusu aho ata kinga canke ipikipiki vyemerewe gusohoka hanze y’ikambi, eka mbere no kugendeshwa mu nkambi.

Kangi Lugola akamenyesha muri iryo jambo ko ibinogo vy’imva rusangi ubu bitakivurwa mu Burundi ko amahoro yabonetse mu Burundi, ko ata mpamvu nimwe yotuma impunzi z’Abarundi zidatahuka mu gihugu c’amavukiro.

Uyo mushikiranganji akaba yamenyesheje ko ‘azosaba igisirikare n’igipolisi gucakira uwo ari we wese yogerageza gufatirwa hanze y’ikambi’ kubera yoba yagirizwa kudasahaka guhunguka mu Burundi.

Mukurikirane ngaha:

Recommended for you