Thursday, December 1, 2022
HomeInternational newsKandidatire ya Ukraine mu muryango w'ubumwe bwa buraya yaraye yemejwe n'inama...

Kandidatire ya Ukraine mu muryango w’ubumwe bwa buraya yaraye yemejwe n’inama nshingamateka ya Buraya.

Inama nshingamateka y’umuryango w’ubumwe bwa buraya yaratoye yongera iremeza kuri uyu wa kane iyakirwa rya kandidatire y’igihugu ca Ukraine yo kwinjira muri uyo muryango. Abashingamateka 529 nibo bavyemeje, 45 nabo barabihakana hamwe na 14 bahisemwo kuterekana aho bahagaze.Le président ukrainien Volodymyr Zelensky et la présidente de la Commission européenne Ursula von der Leyen, à Kiev, le 11 juin 2022.

Nkuko tubikesha iradiyo Ijwi rya Amerika, Iri tora ribaye mu gihe Leta Zunze ubumwe za Amerika itangarije ko igiye kandi kurungikira Ukraine iyindi mfashanyo ya gisirikare ifise agaciro ka miriyoni 450 z’amadorare y’abanyamerika. Iyo mfashanyo ikaba igizwe n’ibisasu vyo mu bwoko bwa Roketi, vyiyongereye  ku yindi mfashanyo ifise agaciro ku mumiriyaridi w’amadorari yatangajwe ku ndwi iza.

Inama nshingamateka ya Buraya yaremeje kandi kandidatire z’ibihugu bibiri arivyo :Georgia na Moldaviya. Nkuko tubandanya tubikesha Ijwi rya Amerika, Kugira ivyo bihugu bitatu vyemererwe burundu kwinjizwa muri uyo muryango w’ibihugu 27 , nuko bisabwa kuzobanza kuzokwuzuza ibisabwa bitari bike bijanye n’ivya politike hamwe n’ubutunzi.

Abakuru b’ibihugu 27 bigize uwo muryango akaba aribo bazotora ubwanyuma maze bemeze canke bahakane ko ivyo bihugu vyinjiye mw’uwo muryango.

Must Read