NEWS

Kaminuza y’Uburundi yahawe umuyobozi mushasha

By

on

Kaminuza y’Uburundi yahawe umuyobozi mushasha, inyuma y’aho uwahora ayirongoye, Gaspard BANYANKIMBONA agenwe kuba umushikiranganji ajejwe inyigisho za Kaminuza y’ubushakashatsi.

Kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ryo kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 18 Ruheshi 2018, HAVYARIMANA Francois niwe aramutswa Kaminuza y’Uburundi.

Umushingamateka NANKWAHOMBA Melchior nawe yagenwe kuba umuyobozi ajejwe ibikorwa muri Kaminuza y’Uburundi.

Recommended for you