NEWS

Kaminuza Y’Uburundi Igiye Gutanguza Igice Ca Kabiri Ca Kaminuza(Master) Muri Nyakanga 2017.

By

on

Mu ntumbero yo kubandanya uburyo bwo kwigisha kuri Kaminuza BMD(Baccalauréat-Master-Doctorat), Kaminuza y’Uburundi ikaba yamenyesheje ko izotangura igice ca kabiri ca Kaminuza arico Master mu kwezi kwa Nyakanga 2017,kandi ko imyiteguro igeze kure mu kwitegurira ico gisata c’inyigisho,nkuko Valos Runyagu,ajejwe agaciro k’inyisgisho muri Kaminuza y’Uburundi abimenyesha.

Mu kiganiro yakoranye n’Abamenyeshamakuru,Valos Runyagu yamenyesheje ko ibitari bike bimaze gukorwa kugira ico gice cinyigisho,na cane cane ama programmes ategurwa akemezwa n’Umugwi wigihugu ujejwe Inyigisho za Kaminuza mu Burundi.

Inyubakwa za Kaminuza Y’Uburundi

Valos Runyagu yamenyesheje kandi ko itegeko ryo mu Bushikiranganji bw’indero rishiraho ico gice ca kabiri Master ko ryasinywe.”Ama programmes hamwe nibijanye n’amategeko birahari…dupanga gutangura ivyo vyigwa vya Master muri Nyakanga 2017″,niko Valos Runyagu amenyesha.

Mu gihe mu gice ca mbere c’inyigisho za Kaminuza Baccalauréat wasanga hari abanyeshure bashika 200 mw’ishure rimwe,muri Master hoho uzosanga hazoba hari abanyeshure 20 mw’ishure rimwe kugira vyorohe ko abigisha babishoboye babakurikirana neza.

Kaminuza y’Uburundi ikaba izokwakira abandi banyeshure bavuye mu makaminuza yigenga yaha Burundi canke hanze muri ico gisata c’inyigisho,maze hakazoba ibibazo bizokorwa vyo gucagura ababishoboye kugira bige iyo Master.

Ku vyerekeye nimba uburyo bwoba buhari kubwico gisata c’inyigisho,Valos Runyagu yamenyesheje ko ico atari ikibazo ko bafise abigisha bakwiye!

Yanamenyesheje ko bazobandanya bakorana n’amakaminuza yaha mu Burundi,Ayo muri Afrika na Buraya kugira ico gisata c’inyigisho kigende neza.

Recommended for you