Sunday, March 26, 2023
HomePoliticsKameremere ya Perezida Ndayishimiye ntimurekurira kuguma ku ngingo yafashe (Léonidas Hatungimana)

Kameremere ya Perezida Ndayishimiye ntimurekurira kuguma ku ngingo yafashe (Léonidas Hatungimana)

Uwahoze ari mu bihangange vy- umugambwe CNDD-FDD akaba ubu arongoye umugambwe PPD-GIRIJAMBO avuga ko kameremere y-mukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye itamwemerera kugera ku ngingo yafashe  ngo ayirambarareko. Uwo ari mu bagendanye na Perezida Varisito Ndayishimiye abandanya avuga ko ivyo arivyo binatuma atashobora kwubahuka kuvuguruza akarwi kagizwe n-abagumyabanga bica bagakiza mw-uwo mugambwe, akarwi avuga ko kanamufashije kwiba amatora yo mu 2020. Uwo arongoye umugambwe PPD-GIRIJAMBO yabivuze kuri uyu w-Imana mu kiganiro ˮUgona iki?‟ co kuri Radiyo UMURISHO.Image

Léonidas Hatungimana  ati :

ˮ  Bimwe mu bituma ata kintu nshobora kumwitegako ni kubera ubwa mbere Perezida Ndayishimiye ukwo ndamuzi  ntafise ubwo bubasha muriwe ivyo bita la force de caractère  yo gushobora guhagarira  ikintu akavuga ati iki ndemera kimpitane mpfuma mpfa. Ni igihe basinya hamwe n-abandi ba generaux kugira ngo biyamirize  ukwo ubutegetsi bwariko buragenda ,yabaye mu bambere baciye baja gusaba igikongwe  kwa Adolphe Nshimirimana. Hanyuma kandi Evariste arafise  ikibazo c-ingene  yaje ku butegetsi , none ntaziko yivye amatora?  None barya bamufashije  kwiba amatora wumva yobagira iki? Ko ari abo nyene, ntaco yabakora!  Nico gituma arabonyene bariko batikiza, bonona igihugu. None wumva yoza gukora iki aziko yivye  kandi abo aribo bamufashije kwiba amatora?‟

Léonidas Hatungimana aranatanga uburorero bwerekana ko  umukuru w-igihugu Varisito Ndayishimiye  yagiye arafatira ingingo abategetsi batandukanye ariko budakeye na kabiri abafatiwe izo ngingo bagahava basubira gushimirwa.

ˮArakuye umuntu muri Regideso, yabanje kuja ku maradiyo aramutuka hanyuma agaca amujana mu mabanga mu biro  vy-umukuru w-igihugu  mu gisata  kijejwe guha amanota abashikiranganji , uwa kabiri twovuga uwo yahora muri OTRACO, amukuye gutwara OTRACO aciye amujana gutwara igisata c-ibintu n-ibintu  mu gihugu hagati  n-inyuma y-igihugu nawe nyene yabanje kumukekeza . None twovuga ngo aho yaramuhanye?  Canke yarimenye amaso wenyene kuko yaragiye aravuga  mu nyuma ivyo yariko aravuga  bimunanira gushira mu ngiro.  Ejo bundi agiye aratorogana imbere y-abacamanza araborogaa araborogaaa ariko nagire ndababwire  gushika kuri iy-itarike  jewe narabajije  mu bacamanza  mbere bo hejuru gose  nukuri barambwiye  nta mu procureur  numwe, nta mucamanza numwe arigera abogozwa canke ngo ahanwe  muri iki n-iki  nta numwe!‟  Niko Léonidas Hatungimana abandanya avuga.

Must Read