Uwahoze ari mu bihangange vy- umugambwe CNDD-FDD akaba ubu arongoye umugambwe PPD-GIRIJAMBO avuga ko kameremere y-mukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye itamwemerera kugera ku ngingo yafashe ngo ayirambarareko. Uwo ari mu bagendanye na Perezida Varisito Ndayishimiye abandanya avuga ko ivyo arivyo binatuma atashobora kwubahuka kuvuguruza akarwi kagizwe n-abagumyabanga bica bagakiza mw-uwo mugambwe, akarwi avuga ko kanamufashije kwiba amatora yo mu 2020. Uwo arongoye umugambwe PPD-GIRIJAMBO yabivuze kuri uyu w-Imana mu kiganiro ˮUgona iki?‟ co kuri Radiyo UMURISHO.
Léonidas Hatungimana ati :
ˮ Bimwe mu bituma ata kintu nshobora kumwitegako ni kubera ubwa mbere Perezida Ndayishimiye ukwo ndamuzi ntafise ubwo bubasha muriwe ivyo bita la force de caractère yo gushobora guhagarira ikintu akavuga ati iki ndemera kimpitane mpfuma mpfa. Ni igihe basinya hamwe n-abandi ba generaux kugira ngo biyamirize ukwo ubutegetsi bwariko buragenda ,yabaye mu bambere baciye baja gusaba igikongwe kwa Adolphe Nshimirimana. Hanyuma kandi Evariste arafise ikibazo c-ingene yaje ku butegetsi , none ntaziko yivye amatora? None barya bamufashije kwiba amatora wumva yobagira iki? Ko ari abo nyene, ntaco yabakora! Nico gituma arabonyene bariko batikiza, bonona igihugu. None wumva yoza gukora iki aziko yivye kandi abo aribo bamufashije kwiba amatora?‟
Léonidas Hatungimana aranatanga uburorero bwerekana ko umukuru w-igihugu Varisito Ndayishimiye yagiye arafatira ingingo abategetsi batandukanye ariko budakeye na kabiri abafatiwe izo ngingo bagahava basubira gushimirwa.
ˮArakuye umuntu muri Regideso, yabanje kuja ku maradiyo aramutuka hanyuma agaca amujana mu mabanga mu biro vy-umukuru w-igihugu mu gisata kijejwe guha amanota abashikiranganji , uwa kabiri twovuga uwo yahora muri OTRACO, amukuye gutwara OTRACO aciye amujana gutwara igisata c-ibintu n-ibintu mu gihugu hagati n-inyuma y-igihugu nawe nyene yabanje kumukekeza . None twovuga ngo aho yaramuhanye? Canke yarimenye amaso wenyene kuko yaragiye aravuga mu nyuma ivyo yariko aravuga bimunanira gushira mu ngiro. Ejo bundi agiye aratorogana imbere y-abacamanza araborogaa araborogaaa ariko nagire ndababwire gushika kuri iy-itarike jewe narabajije mu bacamanza mbere bo hejuru gose nukuri barambwiye nta mu procureur numwe, nta mucamanza numwe arigera abogozwa canke ngo ahanwe muri iki n-iki nta numwe!‟ Niko Léonidas Hatungimana abandanya avuga.