NEWS

Kagame na Buyoya bagirizwa kuba bari inyuma y’ivanwa ry’abasirikare b’Abarundi muri Somalia.

on

Inyuma yaho Uburundi bugondorejwe maze ingingo yo kuvana abasirikare bayo bavanwa muri Somalia, nubu impamvu ni nyishi. Ubu naho leta y’Uburundi imenyesha ko igihugu c’Urwanda n’uwahoze atwara Uburundi, Pierre Buyoya ko aribo bari inyuma y’uwo mugambi.

Nk’uko inkuru ya BBC ibishira ahabona, umushikiranganji wo kwivuna abansi Emmanuel Ntahomvukiye yabajijwe impamvu bibaza yoba yaratumye iyo ngingo ifatwa, avuga ko ari urwanko u Burundi bumaze igihe bufitiwe.

Emmanuel Ntahomvukiye yadomye urutoke ku wahoze atwara u Burundi, Pierre Buyoya, asanzwe aserukiye ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika muri Mali n’akarere ka Sahel, hamwe n’igihugu c’u Rwanda kuba ari bo babiri inyuma.

Yavuze ko inama zose muri uwo mugambi wo kubangamira u Burundi ngo zibera mu gihugu c’u Rwanda.

Nk’uko Emmanuel Ntahomvyukiye yabwiye BBC gahuza, leta y’Uburundi bwarandikiye ikete ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika buryumvisha ko ari ngombwa ko abo basirikare baguma kuri ivyo birindiro gushika ibintu bigiye mu buryo muri Somalia.

Emmanuel Ntahomvukiye yabandanije agira ati: “Urwo rwandiko twararwanditse tubamenyesha yuko ibi vyifuzo twabarungikiye batavyubahirije, ahubwo aho gutegura gutahana igihumbi gusa, bokwitegurira gutahukana ingabo zacu zose, kubera yuko tutokwemera ko abasirikare bacu bahonerayo”.

 

 

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply