NEWS

Kafando: ‘Ibiganiro bihurikiyemwo bose niwo muti ku kibazo c’Uburundi’

on

Mw’ijambo intumwa idasnazwwe ya ONU mu Burundi, Michel Kafando, yashikirije imbere y’Inama Nkuru y’umutekano ya ONU, yamenyesheje ko umuti wonyene ku kibazo c’Uburundi ari ‘ibiganiro bidakumira, bihurikiyemwo bose’.

Mu vyo Kafando kandi yagarutseko ni ukuntu Uburundi buriko bwihata cane mu kureka abandi bakagira uruhara muri politike bisanzuye, na cane cane ku kuntu leta y’Uburundi iheruka kwemera ko Rwasa Agathon ahabwa umugambwe agakora ku mugaragaro.

Kafando kandi akaba yaramenyesheje ko intambwe ya Nkurubziza yo kudasubira kwitoza mu mwaka wa 2020 ari iyo gushima cane.

Kafando yaciye atumirira leta y’Uburundi kubandanya ireka abo bose vyega bagire uruhara mw’itunganywa ry’ikibazo c’Uburundi ata wukumiriwe.

Ariko rero, bivanye n’ivyegeranyo aronka, Kafando yamenyesheje ko mu Burundi ibintu bitera ngo de, ko nyabuna hakwiye kubandanya hakorwa utwigoro na wa Murwi wa ONU ujejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu, UN Human Rights Council, kugira haboneke ituze rikwiye mu Burundi.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply