NEWS

Julius S. Malema:’Nkurunziza Akwiye Gutanga Ubutegetsi’.

on

Ku musi mukuru wahimbajwe muri Afrika y’Epfo kubwa EFFAFrica( Economic Freedom Fighters of Africa), umukuru w’abo ari we Julius S. Malema ariyamiriza ‘ukwigarurira Ubutegetsi kw’umukuru w’igihugu c’Uburundi’.

Julius S. Malema yamenyesheje ko ‘Petero Nkurunziza ashaka gutwara nk’umwami’ ko ategerezwa gutanga ubutegetsi abandi bagatwara.

Julius S. Malema yavuze ati: “Nkurunziza yarigaruriye Ubutegetsi mu Burundi….Nkurunziza ategerezwa gutanga imihoho…ntidushaka ko abategetsi batwara gushika bapfuye…”.

Uwo mugambwe muri Afrika y’Epfo ,Economic Freedom Fighters , niwo wagize uruhara cane mu gusohora ku nguvu uwahora atwara ico gihugu ca Afrika y’Epfo ariwe Jacob Zuma.

Recommended for you