Thursday, June 8, 2023
HomePoliticsJeremie Ngendakumana yigeze kurongora CNDD-FDD agiye gutahuka mu Burundi.

Jeremie Ngendakumana yigeze kurongora CNDD-FDD agiye gutahuka mu Burundi.

Uwahoze arongoye umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD ,Jeremie Ngendakumana aratahuka mu gihugu c-amavukiro kuri uyu wa 29 Myandagaro 2021 inyuma yo kumara imyaka 6 mu gihugu c-ububirigi aho yarasavye ubuhingiro.SN News on Twitter: "#Burundi: c'est officiel.L' ex président du CNDD-FDD,  Jérémie Ngendakumana, rentre après 3 ans d'absence au Burundi. “Trois ans  de silence après mon mandat de député a l'EALA, je

Jeremie Ngendakumana avuga ko ata ciza yabonye mu mahanga ko ndetse ivyo yahora yumva bahavugako atariko yahasanze. Ariko aha ikiganiro Antoine KABURAHE asanzwe arongoye ikinyamakuru IWACU, Jeremie Ngendakumana agira ati: ˮ Inyuma y-imyaka itandatu mu buhungiro , ndizera ko igihe kigeze ngo ntahe, nkorere igihugu canje  kandi ntange inguvu zanje naho zoba ari nke mu kwubaka igihugu canje‟

Abajijwe ko atashe mu gihugu nk-uwutavugarumwe n-ubutegetsi canke ko agiye nk-umunywanyi w-umugambwe CNDD-FDD yahoramwo, Jeremie Ngendakumana yishura ko atashe nk-umunyagihugu agarutse mu gihugu c-amavukiro. Mu majambo avunaguye, Ngendakumana yishuye uku :ˮNi umurundi atahutse iwabo.kuva banyirukana mu mugambwe kw-itarike 10 Rusama 2015, nta mugambwe numwe nigeze niyumvamwo kujamwo. Ku rwego rwa politike,ndizeye ko hari ubundi buryo bwo gukorera igihugu ntabanje kwitwa umunywanyi w-umugambwe ka naka‟

Ku bijanye n-abandi banyepolitike bakiri mu buhungiro, Uwo yigeze kuba umushingamateka wo mu muryango wa Afrika y-ubuseruko amenyesha ko gutahuka mu gihugu kenshi aba ari ingingo yafashwe n-umuntu ku gatwe kiwe, ariko yongerako avuga ko ukuntu azokwakirwa ashitse mu Burundi bishobora gutuma abandi biyumvamwo neza canke nabi kugira nabo batahuke mu gihugu.

Uwo yigeze kurongora CNDD-FDD kuva mu mwaka w-2007 gushika 2012 arongera akavuga ko kubona yaramaze igihe kinini iburaya, yahigiye vyishi nk-ukuntu abanyagihugu bo mw-uwo mugabane batunganijwe, uburongozi,igisata ca politike n-icimibano. Aha mu gisata ca politike,Jeremie Ngendakumana avuga ibiganiro vyamaho biri hagati y-impande za politike zisanzwe zidacana uwaka mu gihugu c-ububiligi,akavuga ko vyagiye bimwigisha.

 

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...