Uwahoze arongoye umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD ,Jeremie Ngendakumana aratahuka mu gihugu c-amavukiro kuri uyu wa 29 Myandagaro 2021 inyuma yo kumara imyaka 6 mu gihugu c-ububirigi aho yarasavye ubuhingiro.
Jeremie Ngendakumana avuga ko ata ciza yabonye mu mahanga ko ndetse ivyo yahora yumva bahavugako atariko yahasanze. Ariko aha ikiganiro Antoine KABURAHE asanzwe arongoye ikinyamakuru IWACU, Jeremie Ngendakumana agira ati: ˮ Inyuma y-imyaka itandatu mu buhungiro , ndizera ko igihe kigeze ngo ntahe, nkorere igihugu canje kandi ntange inguvu zanje naho zoba ari nke mu kwubaka igihugu canje‟
Abajijwe ko atashe mu gihugu nk-uwutavugarumwe n-ubutegetsi canke ko agiye nk-umunywanyi w-umugambwe CNDD-FDD yahoramwo, Jeremie Ngendakumana yishura ko atashe nk-umunyagihugu agarutse mu gihugu c-amavukiro. Mu majambo avunaguye, Ngendakumana yishuye uku :ˮNi umurundi atahutse iwabo.kuva banyirukana mu mugambwe kw-itarike 10 Rusama 2015, nta mugambwe numwe nigeze niyumvamwo kujamwo. Ku rwego rwa politike,ndizeye ko hari ubundi buryo bwo gukorera igihugu ntabanje kwitwa umunywanyi w-umugambwe ka naka‟
Ku bijanye n-abandi banyepolitike bakiri mu buhungiro, Uwo yigeze kuba umushingamateka wo mu muryango wa Afrika y-ubuseruko amenyesha ko gutahuka mu gihugu kenshi aba ari ingingo yafashwe n-umuntu ku gatwe kiwe, ariko yongerako avuga ko ukuntu azokwakirwa ashitse mu Burundi bishobora gutuma abandi biyumvamwo neza canke nabi kugira nabo batahuke mu gihugu.
Uwo yigeze kurongora CNDD-FDD kuva mu mwaka w-2007 gushika 2012 arongera akavuga ko kubona yaramaze igihe kinini iburaya, yahigiye vyishi nk-ukuntu abanyagihugu bo mw-uwo mugabane batunganijwe, uburongozi,igisata ca politike n-icimibano. Aha mu gisata ca politike,Jeremie Ngendakumana avuga ibiganiro vyamaho biri hagati y-impande za politike zisanzwe zidacana uwaka mu gihugu c-ububiligi,akavuga ko vyagiye bimwigisha.