INTERNATIONAL NEWS

Jeff Bezzos: Umutunzi karuhariwe Kw’Isi Imbere Ya Bill Gates.

on

Jeff Bezzos, Umutunzi wa mbere kw’isi.

Inyuma yaho uwahora ari umutunzi wa mbere kw’isi, Bill Gates, agiriye mu migambi yo gufasha abatishoboye, ubutuzni bwiwe bwaragabanutse mu misi iheze ku buryo Ikinyamakuru Forbes cashize ahabona ko Jeff Bezzos, arongoye urubuga rwa Internet Amazon yaje mu kibanza ca mbere mu kuba umutunzi wa mbere karuhariwe kw’isi.

Jeff Bezzos,akomoka muri Leta Znze Ubumwe Za Amerika,yashinze urubuga rwa internet rwa Amazon, niwe mutunzi kurusha abandi kw’isi, akaba afise ubutunzi bw’amadolari y’abanyamerika imiliyaridi 91.4( nk’amarundi arenga imiliyaridi ibihumbi amajana abiri: 200 000 000 000 000 fbu).

Inyungu Jeff Bezzos yakuye muri Amazon yatumye arusha ubutunzi Bill Gates yashinze Microsoft. Jeff Bezzos yashinze Amazon muri 1994, abihweza ibintu n’ibindi baravuga ko bizeye ko ubutunzi biwe buzokomeza kwiyongera.
Bizos akaba yinjiza muri Amazon inyungu ingana na 17%, Amazon ubwayo ifise agaciro k’amadolari imiliyaridi y’amanyamerika 500.

Jeff Bezzos akaba amaze kugura ikinyamakuru ca Washington Post, akaba yaranashinze urudandazwa rwo mu kirere.

Recommended for you