NEWS

Jean Minani aragabisha abafashe ingingo yo gufata ubutunzi bw’abahunze.

on

Inyuma y’aho leta y’Uburundi ifatiye ingingo yo gufata ubutunzi yaba amazu cankei ibindi bikoresho vyegukira abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015, abatavuga rumwe na leta bariyamiriza iyo ngingo.

Umwe mu batavuga rumwe na leta kandi ayoboye urunani rw’abatavuga rumwe na leta arirwo CNARED, Docteur Jean Minani, yamenyesheje ko ‘bitebe bitebuke abafashe iyo ngingo yo kunyaga abahunze bazobisubiza’.

“Ntagitangaje ko abo bantu basimbira ku bintu vy’abanyagihugu bakabitwara, bakavyihagira. Bamenye neza ko naho tutogaruka, abana n’abuzukuru bacu bazoruburana kandi bazorutsinda. Bamenye ko abo bose bafashe iyo ngingo bazobiriha ari vuba canke ari kera, niko Dr Jean MINANI yabwiye Tele Renaissance.

Jean Minani arongoye urunani CNARED aba mu Bubiligi ntiyatinye no kuvuga ko leta y’Uburundi ‘iyobowe n’abambuzi’ ku bw’iyo ngingo yafashwe yo kwihagira ubutunzi bwabahunze igihugu.

Jean Minani yiyamiriza iyo ngingo avuga ko ‘ata numwe mu bafatiwe ubutunzi na leta y’Uburundi yaburanijwe kuri ico caha…ko ata tegeko na rimwe ribaha urwo ruhusha’.

Ubutungane bw’Uburundi, biciye ku mushikiriza manza wa republika y’Uburundi, Sylvestre Nyandwi bwafashe ingingo yo gufata ubutunzi bwose bw’abagizrizwa kugira uruhara mu myiyerekano yashikanye no kwigeragezwa ryo gutembagaza ubutegetsi mu 2015.

Recommended for you