NEWS

Jacques Bigirimana Ariyamiriza Icegeranyo Ca ONU Ku Burundi Giheruka Kuja Ahabona.

By

on

Icegeranyo cashikirijwe n’umugugwi washizweho ku gutohoza ku bijanye n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi i Geneve ku magenekerezo ya 14 na 15 Ruheshi kirimwo amakosa kandi kirabesha, nkuko umukuru w’umugambwe FNL, Jacques Bigirimana abishikiriza. Mu nama ya politike yarimwo ejo ku musi wa mungu itariki 18 Ruheshi mu ntara ya Gitega, Jacques Bigirimana ntiyariye umunwa mu vyo yavuze.

Ico cegeranyo cuzuyemwo ibinyoma, nta bantu banyuruzwa bahari mu Burundi, nta gufata ku nguvu kuhari, nat bwicanyi, niko Jacques Bigirimana yavugiye imbere y’abanywanyi biwe.

Umukuru w’umugambwe FNL yongeyeko avuga ko uko ibintu vyifashe mu Burundi kwarushirije kumera neza, ikivyemeza nuko hari abanyepolitike bamwe bamwe batanguye gutaha mu gihugu c’amavukiro. Yatanze akarorero k’uwahoze atwara igihugu c’Uburundi Sylvestre Ntibantunganya, aka Alice Nzomukunda hamwe na Mathias Basabose baherutse gutaha bava mu mahanga.

Jacques Bigirimana, arongoye Umugambwe FNL

Ku bwa Jacques Bigirimana, ivyo vyegeranyo vya ONU ku vyerekeye uko agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi biza gusa kugira bikunde ko inzego zihari zihinduka.Umukuru w’umugambwe FNL yarifatiye mu gahanga amashirahamwe ataho yegamiye mu vya politike yasabiye ibihano Uburundi.

Ku bwa Jacques bigirimana, Pacifique Nininahazwe arongoye FOCODE, Vital Nshimirimana arongoye FORSC hamwe na Armel Niyongere, bibera mu mazu meza meza bakongera bakagira mu miduga myiza myiza mu Bubirigi kandi nta mase ya kijambere canke imiti irwanya malaria bakenera. Jacques Bigirimana arangiza ijambo ryiwe asaba Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ryokuraho ibihano vyafatiwe Uburundi.

Recommended for you