INTERNATIONAL NEWS

Jacob Zuma Yimirije Gusezererwa Mu Vyo Gutwara Afrika y’Epfo.

on

Umugambwe uri ku butegetsi( ANC) mu gihugu ca Afrika y’Epfo waraye ugaragaje ejo ku musi wa mbere ko umukuru w’ico gihugu, Jacob Zuma asezererwa vuba cane mu mabanga yo gutwara ico gihugu ariko hakaba hatumvikanwe neza ni itariki zingahe azokurirwa ku butegetsi, niko Umunyabanga wa ANC, Ace Magashule, yamenyesheje.

Jacob Zuma asanzwe yagirizwa gusesagura amatungo ya Leta ya afrika y’Epfo bimwe bikomeye, yaheruka mbere gukurwa mu mabanga yo kuyobora umugambwe uri ku butegetsi ANC maze asubirirwa na Cyril Ramaphosa muri Kigarama 2017, uwuharanira ukurwanya ibiturite kwiraye muri ico gihugu.

Ace Magashule yamenyesheje BBC Afrique ati : « Twumvikanye ku bijanye n’ikibazo co kuva ku butegetsi kwa Jacob Zuma ko kuri mu minwe y’ababijejwe. Hazobaho ibiganiro hagati y’abakuru b’Umugambwe, Jacob Zuma na Cyril Ramaphosa ».

Biragaragara ko Jacob Zuma vuba cane akurwa ku butegetsi naho ata gihe nyezina kirashingwa ; maze ashobora kwirukanwa ku butegetsi ataramara ikiringo ciwe ca kabiri kandi ca nyuma. Ariko rero umugambwe ANC ushobora gukurikiranwa n’ivyaha vyo gusesagura ubutunzi bwa Leta bwakozwe na Leta ya Jacob Zuma.

Ikibazo gisigaye ni ryari Jacob Zuma azogenda na rirya aguma arundanirizwa ama dossiers menshi y’Ubutungane nko gukorana n’umuryango w’aba Gupta mu kunyuruza amatungo y’igihugu hamwe n’ibindi. Biragaragara ko muri Afrika hariko haraba amahinduka nk’amwe yaba mu bihugu vy’Abarabu( Printemps arabe) aho abategetsi bamwe bamwe abanyafrika bariko barabikurako, aho twotanga akarorero ka Robert Mugabe aheruka kwirukanwa n’Abanyagihuguku butetegetsi mu gihugu ca Zimbabwe.

Recommended for you